1 Uhoraho abarira Yobu ati:
2 "Mbega umunyabihari yoharira n’Iyishoboravyose?
Uwuhaririza Imana niyishure!"
3 Maze Yobu aca yishura Uhoraho ati:
4 "Mbega jewe umuntu ata co maze, nokwishura iki?
Nshize ikiganza ku munwa.
5 Naravuze ayakwiye,
ubu nta co mfise mvuga."
6 Maze Uhoraho avuganira na Yobu mu gihuhusi, ati:
7 "Hagarara wemye nk’umugabo w’umuhizi;
ngiye kukubaza,
maze nawe unyishure.
8 Ugomba guhindura ubusa imanza zanje?
Ugomba kunyegekako amakosa kugira ngo wiyerekane ko ugororotse?
9 Mbega unganya ukuboko n’Imana?
Ijwi ryawe ryoturagara nk’iryayo?
10 Niwisakare ubwiza n’ubukuru,
wambare icubahiro n’igitinyiro.
11 Rekura ukuraka kw’ubushangashirwe bwawe,
wihweze abibona bose ubacishe bugufi.
12 Ihweze uwishize hejuru wese umucishe bugufi,
inkozi y’ikibi uyifyonyorere aho ihagaze.
13 Bahambe mw’ivu bose hamwe.
Amaso yabo uyapfukirire i kuzimu.
14 Ni ho nanje nzokwemera
ko ukuboko kwawe kwoshobora kugukiza.
15 Niwitegereze imvubu,
iyo naremye nk’uko nakuremye.
Irisha ubwatsi nk’inka.
16 Inkomezi zayo ziri mu mafyigo yayo,
n’ububasha bwayo buri mu mitsi yo mu nda.
17 Umurizo wayo udadaraye nk’isederi,
imitsi yo ku matako yayo irasobanganye nk’ikijishano gikomeye.
18 Amagufa yayo ameze nk’imiringoti y’umwakaka,
amaguru n’amaboko yayo akomeye nk’inkoni z’ivyuma.
19 Mu vyaremwe n’Imana vyose, ni ica mbere gitangaje cane,
umuremyi wayo wenyene ni we yoyitera ubwoba.
20 Imisozi iyimereza ivyokurya,
aho ibindi bikoko vyo mw’ishamba vyose bikinira.
21 Iryama musi y’ibiti
yihishije mu marenga yo mu nzuzi.
22 Ibiti biyiha igitutu,
ibimera ku nkengera z’amazi bikayikikuza.
23 Iyo uruzi rusuriranye ntihagarika umutima,
naho Yorodani rwosesera mu munwa wayo ntiyotinya.
24 Mbega hari uwoyifata ikanura,
canke hari uwoyita mu mutego ngo ayitobore izuru?"