1 Maze Zofari w’i Nayama na we yishura Yobu ati:
2 "Mbega ayo majambo yose yogenda ata wuyishuye?
Mbega umuntu yokwemerwa ko ari umugororotsi kubera amajambo yiwe menshi?
3 Ukwihayagiza kwawe kwotuma tunuma?
Mbega nta n’umwe yokwubahuka kukwamira uriko uratukana?
4 Wewe ubwira Imana uti: ‘Ukwizera kwanje ntikugira agatosi,
kandi uti ndera imbere yawe.’
5 Ese icompa Imana ikagira ico ivuze,
ikugurura akanwa kayo, ikakwishura.
6 Mbega yokubwira amabanga y’ubwenge bwayo,
kuko ubwenge bufise impande zibiri.
Ni ho womenya ibi: ko Imana yirengagije bimwe mu bigabitanyo vyawe.
7 Mbega woshobora gutahura amabanga y’Imana?
Mbega womenya aho ububasha bw’Iyishoboravyose bugarukira?
8 Bugera hejuru y’amajuru; none wewe uri iki?
Bugera kure i bwina mu kuzimu; none wewe uzi iki?
9 Urugero rwabwo ni runini gusumba isi,
bwagutse gusumba ibiyaga.
10 Mbega none igufashe ikagushira mw’ibohero
hanyuma ikagucira urubanza, ni nde yoyihaririza?
11 Nta gukekeranya, irazi abanyabinyoma;
kandi ibonye ikibi, none nta co yandika?
12 Umukehabwenge nta kuntu ashobora guhinduka umunyabwenge
kurya indogoba y’inyeshamba, idashobora kuvyara umuntu.
13 Ariko weho, niwayegurira umutima wawe,
ukayitarikira amaboko,
14 ugashira kure icaha kiri mu biganza vyawe,
ukankira ikibi na kimwe kwarika mu mutima wawe,
15 ni ho uzohagarara ata soni,
uzohagarara wemye ata bwoba.
16 Uzokwibagira imibabaro yawe,
uzovyibuka kurya wibuka amazi yatemvye akarengana.
17 Ubuzima bwawe buzokayangana kurusha izuba ryo mu mashoka,
ijoro rizokubera nk’umutwenzi.
18 Uzoba impore kuko uzoba wagize ivyizigiro;
uzokwiraba biguhe gutekanirwa.
19 Uzoryama usinzire, nta n’umwe azogutera ubwoba.
Kandi benshi bazoza aho uri ngo ubafashe.
20 Ariko abanyakibi bazogenda bashira inkomezi.
Nta ho bazohungira,
kandi ivyizigiro vyabo ni urupfu."