Publicidade

Jó 19

Yobu

1 Yobu yishura ati:

2 "Mbega muzogeza ryari kumbabariza umutima,

no kumvunaguza amajambo yanyu?

3 Ubu bubaye ubugira cumi munyagiriza,

nta n’isoni mugira zo kunkorera ikibi.

4 Mbere naho noba naracumuye,

ico caha kiraba jewe.

5 Nimba mushaka kunyiratako,

mukantetereza kubera icaha canje,

6 mumenye ko Imana ari yo yangiriye nabi,

yamfatiye mu mutego.

7 Ndatakamba mvuga nti: ‘Ndarenganywa!’ Ariko nta wunyumva;

ndatabaza ariko nta wuncira urundenganura.

8 Yaranzibiriye inzira kugira ngo sindengane,

inzira yanje yayizibije umwijima.

9 Yankuyeko icubahiro,

anyambura urugori ku mutwe.

10 Yantabaguye impande zose gushika andangize,

ivyizigiro vyanje yabiranduye nk’uwurandura igiti.

11 Uburake bwayo buranziriringiye,

imparura mu bansi bayo.

12 Ingabo zayo zije aho ndi mu nkomezi.

Ziranyugarije,

zisagaje hirya no hino y’inzu yanje.

13 Abavukanyi banje yabagize abanyamahanga kuri jewe,

abo twari tuzinanyi baranyihakanye.

14 Incuti zanje za hafi zaramvuyeko,

abagenzi banje baranyibagiye.

15 Abo mpaye indaro hamwe n’abakobwa bakora mu nzu bamfata nka kavantara,

bambona nk’umunyamahanga.

16 Umukozi wanje ndamuhamagara ntanyitabe,

naho ndamwinginga n’akanwa kanje.

17 Impwemu zanje zinukira umugore wanje,

umuryango wanje na wo ndawushisha.

18 N’abana bato barancokora.

Iyo nserutse barantetereza.

19 Abagenzi banje bo ku mutima ndabashisha,

abo nkunda banteye ibitugu.

20 Nsigaye ndi igikankara kiriko umubiri gusa,

ni vyo vyonyene nsigaranye.

21 Nimungirire impuhwe bagenzi banje.

Nimungirire impuhwe kuko ukuboko kw’Imana kwankubise.

22 Ni kubera iki mumpama nk’uko Imana iriko irampama?

Mbega uko umubiri wanje umeze ntibihagije?

23 Ese amajambo yanje iyo aba yanditswe,

akandikwa mu gitabu,

24 Ese iyo aba yandikishijwe ikaramu y’icuma kw’ibuye,

agakorogoshorwa mu gitandara, akazokwamaho ibihe vyose.

25 Ariko jeho ubwanje ndazi ko umucunguzi wanje ari muzima,

kandi ko impera n’imperuka azohagarara kw’isi.

26 Kandi ko naho umubiri wanje uzobora,

nzobona Imana ndi mu mubiri.

27 Nzoyibonera jewe ubwanje.

Ni ukuri nzoyibonera amaso mu yandi.

Umutima wanje uruhijwe no kurindira ico gihe.

28 Iyo muvuze ngo: ‘Mbega twomuhiga gute?

Ko umuzi w’ingorane ziwe uri muri we nyene,’

29 Ahubwo mweho ndababwira ko mugowe!

Kuko mwikwegera inkota mu ngeso zanyu.

Aho ni ho muzomenyera ko urubanza rubaho."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-19_11-20-24-