Publicidade

Jó 9

Yobu

1 Maze Yobu asubizayo ati:

2 "Ni ukuri ndazi ko ari uko biri.

Nta muntu buntu yogororoka mu nyonga z’Imana.

3 N’uwogomba kuyiburanya,

mu bibazo igihumbi ntiyoshobora kuyishura na kimwe.

4 Ifise ubwenge bwinshi kandi ni Inyenkomezi.

Ni nde yayigararije akayiva imbere amahoro?

5 Yimura imisozi itayigishije inama,

mu burake bwayo ikayubika.

6 Itigitishiriza isi mu kibanza cayo,

inkingi zayo zikanyiganyiga.

7 Itegetse, izuba ntiriseruka,

n’inyenyeri ntizaka.

8 Ni yo yonyene yagaranzuye amajuru,

ikagendagendera ku mipfunda y’ikiyaga.

9 Ni yo yaremye imigwi y’inyenyeri yitwa Dubu, Oriyoni,

Kilimiya n’imigwi y’izo mu bumanuko.

10 Ikora ibitangaza ata wobitahura,

n’ibimenyetso bitoharurika.

11 Inciye i ruhande sindayibona,

indenganye sindayumva.

12 Mbega inyakuye uwo ishaka ni nde yoyitangira?

Ni nde yonayibaza ati: ‘Ivyo ugize ni ibiki?’

13 Imana ntihagarika uburake bwayo.

Mbere n’ibiyoberane bikomeye vyo mu kiyaga birunama ku birenge vyayo.

14 Mbega jewe noyihaririza nte?

Amajambo yo kuyiburanya noyakura he?

15 Naho ata co nzira, simfise ico noyisubiza;

ico nshobora gukora ni ugusaba imbabazi gusa.

16 Naho noyitwarira ikitaba,

sinzi ko yonantega ugutwi.

17 Kuko n’ubu irantera ikamvunaguza ibihuhusi,

ikanyuzuzako ibikomere ata nyanduruko.

18 Ntizondeka ngo mire amate,

ahubwo inyuzuza amarushwa.

19 Tuvuze ivy’inkomezi, ni yo ishobora vyose!

Mu vy’ubutungane, ni nde yoyirengutsa?

20 Naho noba nera, akanwa kanje ni ko kontsindisha,

naho noba ngororotse, koncira urubanza ko ntsinzwe.

21 Naho ngororotse,

sincibabaye.

Ngaye ubuzima bwanje.

22 Ngororoka, ntagororoka, vyose ni co kimwe.

Ni co gituma mvuga nti:

‘Irandurana umugororotsi n’umunyakibi.’

23 Iyo icago gihwikiye abagororotsi kikabica,

Imana irabaraba mu magorwa yabo ikitwengera.

24 Isi yose iri mu biganza vy’abanyakibi,

Imana na yo igahuma amaso y’abacamanza.

Nimba atari yo ibigira none ni nde?

25 Imisi yo kubaho kwanje yiruka gusumvya uwusiganwa;

iguruka ata n’amahirwe na makeya.

26 Yirasa nk’ubwato bukozwe mu rufunzo,

nk’inkona yirasa igomba ico ifata.

27 Hamwe nofata ingingo nti: ‘Hinge niyibagize imyidodombo yanje,

mve mu mibabaro yanje, nce mu maso, mwenyure,’

28 na ho nyene nogumana ubwoba bw’imibabaro yanje yose,

kuko nzi ko utazoncira urunyeza.

29 None ko niteze gutsindwa n’urubanza,

ndiko ndansha nokora iki?

30 Naho nokwiyogesha isabune,

iminwe yanje nkayikarabisha iyeza cane,

31 womvumbagaza mu kinogo c’ivyondo

gushika aho n’impuzu nambaye zinyanka.

32 Imana si umuntu apfa nkanje ku buryo noyihaririza,

canke ngo duharirire imbere y’intahe.

33 Ese iyaba hariho umuhuza hagati yanje na yo,

agashobora kutwicarika hamwe twempi,

34 agashobora kubuza Imana kunkubita,

igitinyiro cayo kikareka kuntera ubwoba.

35 Ni ho nanje noshobora kuyivugisha ntayitinya.

Ariko si ko biri, ndi jenyene rudende.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_14-04-22-