1 Maze Yobu yishura ati:
2 "Ewe, urazi gufasha umunyantege nke!
Mbega ukuntu uzi kuramira ukuboko kudendebukiwe!
3 Impanuro uha imburabwenge ni iyihe?
Canke ugutahura werekanye kuri he?
4 Ni nde yagufashije gushikiriza ayo majambo?
Izo mpwemu zavugiye mu kanwa kawe ni iza he?
5 Abapfuye bahindira agashitsi mu kuzimu,
amazi n’ibiyabamwo bikajugumira.
6 I kuzimu hambaye ubusa imbere y’Imana,
no mu mahonero ntakihakingiriye.
7 Amajuru yo mu buraruko iyasanza mu kirere,
igatuma isi yenena ku busa.
8 Itekera amazi mu bicu vyayo,
ariko ntibitoborwe n’uburemere bwayo
9 Itwikira intebe yayo,
ikayipfukisha ibicu.
10 Amazi iyashingira akarimbi,
igashira imbibe hagati y’umuco n’umwijima.
11 Inkingi z’ijuru ziradegezwa,
zikanzwe n’ugukankama kwayo.
12 Mu bubasha bwayo izikurura igihuhusi mu kiyaga,
kandi mu bwenge bwayo, igisizimwe igicamwo ubunywenywe.
13 Impwemu zayo zituma ijuru ryeyuka,
ukuboko kwayo ikagusogotesha inzoka ihunga.
14 Kandi ivyo ni agace gato k’ivyo ishobora gukora,
ni utwongoshwe dukeya gusa twumva.
None ukwasana kwayo ni nde yoshobora kugutahura."