Publicidade

Jó 36

1 Elihu arabandanya ati:

2 "Subira unyihanganire gato ngusigurire,

kuko ngifise ivyo kuvuga ku vyerekeye Imana.

3 Reka nguhe uturorero twinshi

ku kugororoka kw’Umuremyi wanje.

4 Ivyo nkubwira ni ukuri kugaragara,

kuko jewe ndi i ruhande yawe mfise ubumenyi bukwiye.

5 Imana ni Inyabushobozi, ariko ntisuzugura abantu,

ni Inyabushobozi mu bwenge bwayo.

6 Ntiyirengagiza umunyakibi,

kandi umukene imucira izibereye.

7 Inyonga zayo ntiziva ku bagororotsi;

ibicarikana n’abami,

ikabashira hejuru ibihe vyose.

8 Ariko iyo abantu baboshwe n’iminyororo,

bakabohwa n’imigozi y’imibabaro,

9 Imana igaragaza ivyaha vyabo,

ivyo bakoreye mu bwibone bwabo.

10 Ibazibura amatwi ngo batahure ivyo ibabwira,

maze ikababurira ngo bave mu bibi.

11 Bayumviye bakayikorera,

bazomara imisi yose basigaje kubaho baguwe neza,

imyaka yabo izoba iyo guhimbarwa.

12 Ariko batayumviye,

bazicwa n’inkota,

bongere bicwe n’ubujuju.

13 Abatubaha Imana babohwa n’ishavu,

kandi iyo ibahanye, ntibanayambaza ngo ibatabare.

14 Bapfa bakiri bato,

bakagwa hamwe n’abamaraya bo mu ngoro z’ibigirwamana

15 Ariko abababaye ibakirisha mu mibabaro yabo nyene,

ikavuganira na bo mu mibabaro yabo.

16 Imana iriko irakwiyegereza ngo igukure mu mibabaro,

ngo igutware ahiyaguye mu mwidegemvyo,

ngo ugubwe neza ku meza yawe iriko ivyokurya bitoranijwe.

17 Ariko noneho ufashwe n’urubanza rucirirwa abanyavyaha,

urubanza n’ukuri biragutsinze.

18 Wirinde ntihagire uwugukwegesha ubutunzi,

ntiwemere ko igiturire kiguhindukiza.

19 Mbega ubutunzi bwawe canke inkomezi zawe vyokuzigama,

bikagukiza imibabaro?

20 Ntukipfuze ijoro,

aho abantu baburirwa irengero mu ngo zabo.

21 Wirinde ntusubire mu bibi,

kuko bisa nk’aho ari vyo wahisemwo kurusha imibabaro.

22 Imana ishizwe hejuru mu bubasha bwayo.

Ni nde yoba umwigisha kuyisumvya?

23 Ni nde yoyibwira ico ikora,

canke ni nde yoyibwira ati: ‘Wakoze nabi?’

24 Ahubwo nushime ibikorwa vyayo vyiza,

ivyo abantu bose bashimagiza mu ndirimbo.

25 Abaremwe bose barabibonye,

abantu bose babirabira kure.

26 Raba Imana irahambaye, natwe ntidushobora kuyitahura!

Imyaka yayo ntigira igitigiri.

27 Yegeranya utuma tw’amazi,

hanyuma ikaduhindura imvura.

28 Ibicu bisesa imvura,

isinzi ry’abantu rigashikirwa.

29 Ni nde yotahura ingene ikwiragiza hose ibicu,

n’uguturagara kwo kw’ijuru?

30 Raba ingene ikwiragiza imiravyo impande zayo zose,

igapfuka i bwina h’ikiyaga.

31 Uko ni kwo iganje amahanga,

ikayaha ivyokurya vy’umusesekara.

32 Ifata umuravyo mu ntoke,

ikawutumbereza ku co yawugeneye.

33 Umuturagaro umenyekanisha ko ari ho iri,

n’ibitungwa bikamenya ko yegereje.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_14-04-22-