1 Nzinutswe ubuzima bwanje;
ni co gituma ncura intimba ata kwigumya,
ngasesa umururazi uri mu mutima wanje.
2 Mbwire Imana nti: Ntuntsindishe,
ariko niwerekane ico unyagiriza.
3 Mbega unezerejwe no kumpahaza,
no gukengera igikorwa c’amaboko yawe,
mu gihe uriko uramwenyura uraba imigambi y’abanyakibi?
4 Mbega wewe ufise amaso nk’ay’abantu,
canke ubona ibintu nk’uko abantu bapfa babibona?
5 Imisi yo kubaho kwawe ingana n’iy’abantu bapfa,
canke imyaka yawe ingana n’iy’umuntu akomeye,
6 ku buryo urondera kumenya ukugabitanya kwanje,
no kubona ivyaha vyanje?
7 Urazi neza ko ata kibi kinyagira,
kandi ko ata wushobora kunkiza ukuboko kwawe.
8 Wambumbishije ukuboko kwawe, ni wewe muremyi wanje.
Kandi ni wewe undanduye burundu.
9 Ibuka ko wambumvye mw’ivu;
none ugomba unsubize kuba ivu ubu nyene?
10 Mbega ntiwambitse kurya babika amata bagomba ko avura,
ukambumba kurya babumba isoro ry’amavuta?
11 Ni wewe wanyambitse umubiri n’inyama,
nyubakisha amagufa n’imitsi.
12 Ni wewe wampaye ubuzima, unyereka n’urukundo rwinshi.
Ukunyitaho kwawe ni kwo kwazigamye ubugingo bwanje.
13 Ariko iki ni co wagize ibanga mu mutima wawe,
kandi ndazi ko ibi wari ubifise mu vyiyumviro vyawe;
14 kugira ngo ninacumura, ube uriko uranyitegereza,
hanyuma ntureke ngo icaha canje kigende kidahanywe.
15 Ewe ndagowe nimba hari ico nagirizwa!
Ariko naho noba nera, sinokwunamura umutwe,
kuko nuzuye ibimaramare,
kandi nyitswa n’umubabaro wanje.
16 Iyo nunamuye umutwe, umpiga nk’uko bahiga intare,
kandi ukansukako ububasha bwawe butangaje.
17 Igihe cose wama uzana ivyagiriji bisha vyo kuntsindisha,
ukangwizako ubushangashirwe bwawe,
ibitero vyawe bikanzako nk’imipfunda yisubiriza.
18 None ni igiki catumye unkura mu nda ya mama?
Iyo mpfuma mpfa ata wurankubita ijisho.
19 Iyo mpfuma mba uwutabayeho,
canke ngatwarwa mu mva nkiva mu nda ya mama.
20 Mbega sinsigaje imisi mike yo kubaho?
Ehe nundeke na gatoya mpumeke,
21 imbere y’uko nja iyo batagaruka,
mu gihugu c’umubabaro n’umwijima mwinshi,
22 mu gihugu c’umwijima w’umuzitanya,
umuzitanya urimwo umuvurungano,
aho umuco umeze nk’umwijima."