1 Yobu aca yishura ati:
2 "No gushika uwu musi, amaborogo yanje aracari umururazi,
ikiganza ciwe kirandemereye kurenza amaborogo yanje.
3 Ese iyo mba nashobora kumenya aho noyisanga,
ese iyo mba noshika aho iba!
4 Ngashinga urubanza rwanje imbere yayo,
akanwa kanje kagasesekara ukwiregura kwanje.
5 Kumbure nkumva ico yonyishura,
nkiyumvira neza ku vyo imbariye.
6 Mbega yohangana nanje mu bubasha bwayo bukomeye?
Haba na mba! Ahubwo yonyumviriza neza.
7 Kuko imbere yayo, umugororotsi arashobora kwiregura,
kandi aho nobohorwa ibihe vyose imbere y’umucamanza wanje.
8 Ariko ngiye mu buseruko sindayisangayo,
naja mu burengero na ho nyenye sindayibone.
9 Iyo iriko ikorera mu buraruko, njayo sindayibone;
nagaruka mu bumanuko na ho nyene sindayibona.
10 Ariko irazi inzira zanje,
kandi niyamara kungerageza, nzosohoka meze bwa nzahabu.
11 Ibirenge vyanje vyagumye hafi y’intambuko zayo,
kandi nagumye mu nzira zayo ntahengamiye i buryo canke i bubamfu.
12 Sinigeze nja kure y’ivyagezwe vyavuye mu kanwa kayo,
ahubwo amajambo yayo nayabitse neza kurusha ivyokurya vya misi yose.
13 Mbega ko ari yo Mana yonyene ifata ingingo, ni nde yoyihaririza?
Ikora ico igomvye cose.
14 Ishira mu ngiro amabwirizwa yayo angwanya,
kandi imigabo nk’iyo yipfuza kunshitsako ni myinshi.
15 Ni co gituma mpindira agashitsi imbere yayo.
Iyo ndavyiyumviriye, ubwoba burantekera.
16 Imana ni yo idendebuye umutima wanje,
Iyishoboravyose ni yo inciye ivutu.
17 Ariko sinzibwa akanwa n’umwijima,
canke umuzitanya untwikiriye mu maso.