1 Maze ba bagabo uko ari batatu bahagarika kwishura Yobu, kuko we ubwiwe yabona ko ari umugororotsi. 2 Ariko Elihu mwene Barakeli w’i Buzi mu muryango w’Abaramu akarira Yobu cane kuko yari yanse kwemera ko yakoze ivyaha, kandi ntiyemera ko Imana itamurenganije mu kumuhana. 3 Yongera akarira bagenziwe batatu kuko bananiwe no gutsinda Yobu ariko bakagiriza ikibi Imana. 4 Elihu yari yabanje kureka bagenziwe baravuga, kuko bamusumba mu myaka. 5 Ariko abonye amajambo yabaheranye, uburake bwiwe buraziriringa.
6 Maze Elihu mwene Barakeli w’i Buzi, aravuga ati:
"Jewe ndi muto mu myaka,
mwebwe murakuze cane.
Ni co gituma nigumije,
sinubahuka kubabwira ico niyumvira.
7 Nahora nibaza nti: ‘Aba kera ni bo bakwiye kuvuga,
kandi abo hambere ni bo bakwiye kwigisha ivy’ubwenge.’
8 Ariko nasanze ari impwemu y’Imana iba mu muntu,
itanga ugutahura.
9 Abatama si bo bonyene bazi ubwenge,
n’abakuze si bo bonyene bafise ugutahura.
10 Ni co gituma ndababwira nti: Nimunyumvirize,
nanje ndababwire ico niyumvira.
11 Nabarindiriye mukiriko muravuga,
nkiyumvira ku vyiyumviro vyanyu,
mukirondera amajambo mukoresha.
12 Nabumvirije neza mwese,
ariko nta n’umwe nigeze numva atsinda Yobu,
canke ngo ashobore kumwishura ku majambo yiwe.
13 Kandi ntimumbwire muti: ‘Twasanze ari umunyabwenge,
none reka Imana yo nyene ibe ari yo imwiyishurira.’
14 Iyaba Yobu yariko araharira nanje,
sinari kumwishura mu majambo nk’ayanyu.
15 Ehe raba murumiwe,
murabuze ico musubizayo.
16 None ngume numye ko mwabuze ico muvuga,
ko mbona muhagaze ata co muvuga?
17 Nanje ndafise ico novuga,
reka ndababwire ico niyumvira.
18 Kuko numva nuzuye amajambo,
kandi numva umutima unsunikira kuyavuga.
19 Numva meze nk’umukuza w’urusato wuzuye umuvinyu mushasha,
uvyimvye, ugomba guturika.
20 Reka mvuge kugira ngo ntenzukirwe.
Reka nteranure akanwa kanje nishure.
21 Ngira mvuge ata ho mpengamiye,
kandi nta n’umwe nshobora guhema,
22 kuko iyaba nari nzi guhemana,
umuremyi wanje yondanduye nk’aka kanya.