1 Mbega urazi igihe ingeregere zivyarirako imyagazi yazo?
Uramaze kubona impongo ziriko ziravyara?
2 Urazi amezi zimara zihaka?
Igihe co kuvyara cazo kigeze urabimenya?
3 Zirapfukama zikavyara imyagazi yazo,
imibabaro yazo ikaba iraheze.
4 Imyagazi yazo ikurira mu gahinga,
hanyuma igatandukana na ba nyina ubutakigaruka.
5 Ni nde atuma indogoba iba inyeshamba?
Ni nde abohora imigozi iba iyiboshe?
6 Ni jewe ndayishira mu gahinga,
inzu zayo zikaba mu bugaragwa.
7 Yanka urwamo rwo mu gisagara,
ntiyumva induru z’abatwara imikogote.
8 Mu mitumba ni ho irisha,
ni ho itembera irondera icanya gitotahaye.
9 Mbega inka y’inyeshamba woyigisha inama kugira ngo igukorere?
Yokwemera kurara mu bwato bwawe?
10 Mbega woyishirako ingogo ngo irime?
Yogukurikira igenda irakangaza mu ndimiro zawe?
11 Mbega wokwizigira inkomezi zayo?
Mbega woyizeza ibikorwa vyawe ukaraba iyo wigira?
12 Mbega woyizeza kugutahanira ingano,
ikazegeraniriza ku mbuga yawe?
13 Inyoni yitwa otirishe igorora amababa yayo n’umunezero,
ariko ntiyogereranywa n’amababa n’amoya vy’agasoza.
14 Ita amagi yayo kw’isi,
akaronkera agasusuruko mu mukungugu,
15 Ntiyigera ihagarika umutima ngo ibirenge bizoyamena,
canke ngo ibikoko vyo mw’ishamba bizoyahonyanga.
16 Ikarira imiswi yayo nk’aho atari iyayo,
naho yoruhira ubusa, nta co biyitwara,
17 kuko Imana itayihaye ubwenge,
canke ngo iyihe ugutahura.
18 Ariko iyo igoroye amababa yayo yiruka,
yenurira ifarasi n’uwuyigenderako.
19 Mbega ni wewe uha inkomezi ifarasi,
izosi ryayo ukaryambika?
20 Ni wewe uyitarukisha nk’igihori,
mu gupfuha n’ubwishime vyayo?
21 Ihonyangisha isi ibinono vyayo n’inkomezi,
ikiterera imbere y’umwansi
22 Isuzugura ubwoba, nta co itinya.
Ntihunga inkota.
23 Ibigwanisho vyose biyihurirako:
ryaba icumu canke umwampi.
24 Isimbana inkomezi, ikamara imirambi.
Ijwi ry’inzamba ntiriyihagarika.
25 Iyo inzamba ivuze, irabira.
Imoterwa n’urugamba ikiri kure.
Yumva akamo k’intwazangabo n’akaruru k’intambara.
26 Mbega ubwenge bwawe ni bwo bugurukana agaca,
kagasanza amababa kaja mu bumanuko?
27 Mbega ni wewe uha itegeko inkona
ngo ziduge hejuru cane ku misozi kwarikayo?
28 Yibera ku bitandara, ikararaho,
ibisate vy’amabuye bikayibera ibikingirizo.
29 Aho ni ho irerekera ico ifata,
amaso yayo akakibona ari kure.
30 Ibiswi vyayo binywa amaraso,
kuko aho hose umuvyimba uri ni ho iba iri."