Publicidade

Jó 22

Elifazi

1 Elifazi w’i Temani na we yishura ati:

2 "Mbega umuntu yogirira akamaro Imana?

Canke umunyabwenge yogira ico ayifashije?

3 Mbega wibaza ko ukugororoka kwawe gutuma Iyishoboravyose ihimbarwa?

Canke gutungana kwawe hari inyungu kwoyizanira?

4 Wibaza ko ifatira ku kugororoka kwawe mu kuguhana

ikazana urubanza kuri wewe?

5 Haba na mba! Ni kubera ukugabitanya kwawe guhambaye.

Ivyaha vyawe ntibigira uko bingana.

6 Watse ingwati benewanyu bidakwiye,

ubambura imitamana yabo, ubasiga bari gusa.

7 Wimye amazi abanyotewe,

abashonje ubima ico barya.

8 Wibajije kumbure ko abahambaye ari bo biganza mu gihugu,

abatinyitse bakaba ari bo bakibamwo.

9 Abapfakazi wabahinda ata co ubahaye,

uvunagura amaboko y’impfuvyi.

10 Ni co gituma ukikujwe n’imitego,

ubwoba bukagutera giturumbuka.

11 Kandi ni co gituma utabona kubera umwijima,

imipfunda y’amazi ikaba yakurengeye.

12 Mbega Imana ntiri ahasumba amajuru?

Itegereze n’ukuntu inyenyeri ziri hejuru kure cane.

13 Ariko wibwira uti: ‘Mbega Imana izi iki?

Mbega yoshobora guca urubanza iri mu mwijima w’umuzitanya?’

14 Wibwira ko ibicu biyikingiriye,

ko itoshobora kukubona iriko iratambuka inkikuro z’ijuru.

15 Mbega ugomba kuguma mu nzira za kera,

izagenderwamwo n’inkozi z’ikibi?

16 Abo bacakiwe igihe cabo kitaragera,

amatanguriro yabo atwarwa n’umwuzure.

17 Babwira Imana bati: ‘Igirayo, tureke!

Mbega Iyishoboravyose hari ico yotugira?’

18 Kandi Imana ni yo yari yujuje ivyiza amazu yabo.

Ni co gituma nigira kure y’inama z’abantu nk’abo.

19 Abagororotsi bazobona uguhona kw’abanyakibi, banezerwe;

abatagirizwa ikibi bazobatwengera mw’ijigo.

20 Bazogira bati: ‘Ni ukuri abansi bacu bararanduwe.

Uwa nyuma muri bo atongowe n’umuriro.’

21 None rero niwiyunge n’Imana, ubone kuba amahoro,

ni ho ivyawe bizogenda neza.

22 Niwumve amajambo yayo,

uyabike mu mutima

23 Niwagaruka ku Mana Mushoboravyose,

ugakura ikibi cose mu muryango wawe,

24 ugaheba iyo nyota y’ubutunzi,

ugaterera inzahabu zawe mu ruzi,

25 aho rero Iyishoboravyose izokubera ubutunzi,

ikubere n’ifeza z’agaciro.

26 Ni ho uzonezerererwa Iyishoboravyose,

ukunamurira amaso Imana.

27 Uzoyisenga na yo ikwumve,

wongere ushitse ivyo wayisezeraniye.

28 Ico uzokwipfuza gukora cose uzogishitsa,

kandi umuco uzorasira mu nzira zawe.

29 Nimba abantu bari mu vyago, nawe ukavuga uti: ‘Batabare!’

Na yo izobatabara.

30 N’abafise ibibi bagirizwa izobarokora,

bivuye ku kwera kw’amaboko yawe."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_14-04-22-