1 Yobu arasubira yishura ati:
2 "Ni ukuri umenga ni mwebwe muzi vyose,
kandi umenga nimwapfa ubwenge bwose buzoba bujanye namwe!
3 Ariko nanje mfise ubwenge nkamwe,
nta co munsumvya.
Ni nde ayobewe ivyo vyose muriko muravuga?
4 Nabaye agatwengo kuri bagenzanje, naho nambaza Imana kandi ikantabara.
Naho bantwenga,
ndi umugororotsi, inyankamugayo.
5 Abaguwe neza bakengera abari mu magorwa,
bagahenura abadandabagirana.
6 Amahema y’abambuzi ntakomakomwa,
abacokora Imana baratekaniwe,
inkomezi zabo ni zo bagize imana yabo.
7 Nimubaze ibikoko, bizobigisha.
Mubaze inyoni zo mu kirere, zizobibabwira.
8 Canke uvugane n’isi, izokwigisha,
canke mureke amafi yo mu biyaga ababwire.
9 Ni igiki muri ivyo vyose kitazi
ko ukuboko kw’Uhoraho
ari we yakoze ivyo?
10 Ubuzima bw’ivyaremwe vyose buri mu biganza vyiwe
co kimwe n’impwemu z’abariho bose.
11 Mbega ugutwi ntigusorongora amajambo
nk’uko akanwa gatandukanya uburyohe bw’ivyokurya?
12 Ubwenge bufiswe n’abatama,
kandi ugutahura gufiswe n’abamaze imyaka myinshi.
13 Ubwenge n’inkomezi vy’ukuri ni ivy’Imana,
kuja inama no gutahura ni ivyayo.
14 Ico isambuye ntigisubira kwubakwa;
abo iboshe nta wushobora kubabohora.
15 Itumye imvura itara, haba ubugaragwa.
Iyirekuye na ho imyuzure ikwira isi.
16 Inkomezi no gutahura ni ivyayo,
kandi uwabeshwe n’uwabeshe, bompi ni abayo.
17 Ishorera abatware bari ibirenge bisa,
abacamanza ikabanyaga ubwenge.
18 Abami ibambura inyambarabami zabo,
ikabambika umukanda mu rukenyerero gusa.
19 Abaherezi ibashorera nk’abaja,
igatembagaza abategetse kuva kera.
20 Izivya akanwa k’abizigiwe,
inararibonye ikazaka ugutahura.
21 Abahambaye ibambika agakengerwe,
abanyenkomezi ikabambura ibigwanisho.
22 Ishira ahabona ivyihishije mu mwijima w’umuzitanya,
igitutu c’umwijima gikomeye ikagihindura umuco.
23 Ni yo ikomeza amahanga, ikongera ikayasambura.
Ni yo iyagura ikongera ikayashwiragiza.
24 Abatware b’isi ibambura ubwenge,
bagasigara bayerera mu gahinga katagiramwo inzira.
25 Bagakabakaba mu mwijima utagira umuco,
bakadandabagirana nk’imborerwa.