1 Yobu yishura ati:
2 "Iyaba umubabaro wanje washobora kugerwa,
amarushwa yanje agashirwa ku munzane!
3 Ni ukuri vyoremera kuruta umusenyi wo ku kiyaga.
Ni co catumye nsuka amajambo ntiyumviriye.
4 Imyampi y’Iyishoboravyose irantobekeranije,
umutima wanje uriko unywa ubumara bwayo.
Ibiteye ubwoba biva ku Mana biransagirije.
5 Mbega indogoba y’inyeshamba irabira ifise ubwatsi,
canke impfizi yokwabira ifise ivyo irya?
6 Mbega indya zitagira akanovera zoribwa zitagira umunyu,
canke hari uburyohe buri mu murenda w’irigi?
7 Ivyokurya nk’ivyo singomba no kubikorako;
bintera iseseme.
8 Ese icompa nkishurwa,
Imana ikampa ico ndayitezeko,
9 Ikemera kumfyonyora,
ikaramvura ukuboko kwayo ikanzimanganya.
10 Ivyo vyondemesha,
no mu mibabaro ngasimbishwa n’umunezero,
kuko ntigeze ntirimuka ku majambo y’Uwera.
11 Mbega inkomezi mfise ni izihe, zotuma nkomeza kugira ivyizigiro?
Ni igiki cotuma nkomeza kwihangana?
12 Mbega mfise inkomezi nk’iz’ibuye?
Canke umubiri wanje ukozwe mu mwakaka?
13 Mbega ubu hari ubushobozi ngifise bwo kwifasha,
kandi ata kintu ngikora ngo gikunde?
14 Umuntu wese atagirira ubugwaneza mugenziwe,
aba yerekanye ukutubaha Iyishoboravyose.
15 Abagenzi banje barampemukiye, bambera nk’imigezi itamana amazi,
nk’imigezi yuzura amazi mu gihe c’imvura gusa,
16 iyo irengewe n’ugukama kw’urubura,
hamwe n’ugushonga kwa shelegi.
17 Ntiheza ngo isubire gutemba, igihe c’ici kije,
yumvise ubushuhe imigende yayo ica ikamangana.
18 Umugwi munini w’abari ku rugendo
bakikevya ngo bizimye inyota, ariko bakabura amazi,
maze bakaduga mu bugaragwa, bakagwayo.
19 Umugwi munini w’ab’i Tema bari ku rugendo barondeye amazi,
n’ingenzi z’abadandaza b’i Sheba baronderanye ivyizigiro,
20 ariko bicuza igituma bizigiye iyo migende,
kuko bahashitse ivyizigiro bigahera.
21 None namwe mugaragaye ko ata co muri bumarire;
mwabonye amarushwa ndimwo muhinda agashitsi.
22 Mbega ni kubera iki? Hari ico nabasavye?
Nigeze ndabasaba ngo muntangire impongano mu butunzi bwanyu?
23 Nigeze ndabasaba ngo munkize ukuboko kw’umwansi wanje?
Canke ngo munkure mu maboko y’abampahaza?
24 Nimunyigishe nanje ndacereza;
nimunyereke aho nihenze.
25 Amajambo y’ukuri burya arababaza!
Ariko ibihari vyanyu bishika ku ki?
26 Mbega mushaka kumpinyuza,
mu guhindura ubusa amarira y’ukwihebura kwanje?
27 Erega mweho mbona n’impfuvyi mwoyipfindanirako,
umukunzi wanyu mukamugurisha!
28 Ariko noneho nimungirire impuhwe, munyitegereze!
Noba nabesheye mu maso yanyu?
29 Nimwiyumvire neza, mureke kunyagiriza ikibi,
kuko ndi umugororotsi.
30 Mbega hari amajambo y’ukugabitanya mwanyumvanye?
Mbega akanwa kanje kananiwe no gutandukanya ikibi n’iciza?