Publicidade

Jó 31

1 Nagiraniye isezerano n’amaso yanje,

ryo kutazorabana ukwipfuza umwigeme.

2 Mbega umugabane noronka uvuye mw’ijuru ku Mana woba uwuhe?

Iragi ryanje riva hejuru ku Yishoboravyose ryoba irihe?

3 Mbega si uguhona kw’umunyakibi,

n’ivyago bikurikirana uwukora ibigabitanyo?

4 Mbega ntibona ivyo nkora vyose,

igaharura intambuko zanje zose?

5 Nimba naragendeye mu binyoma,

ibirenge vyanje bikihutira kubesha abandi,

6 Imana ninshire ku munzane w’ukuri,

ndazi ko izobona ukugororoka kwanje.

7 Nimba ibirenge vyanje vyarataye inzira,

umutima wanje ugatwarwa n’ivyo amaso yanje yabonye,

canke amaboko yanje agakora ikindi caha na kimwe,

8 imirima yanje iragasoromwa n’abandi,

barandure n’ivyo nateye.

9 Nimba umutima wanje warakwegakwezwe n’umugore,

canke nkipfuza umugore w’umubanyi wanje,

10 umugore wanje aragasyera uwundi mugabo,

afatwe ku nguvu n’abandi bagabo.

11 Kuko nzoba nakoze igiterasoni,

icaha gikwiye guhanwa.

12 Ico caha ni umuriro utongora ugahonya,

corandura ivyo mfise vyose.

13 Nimba nararenganije umukozi wanje,

nkanka kwumviriza ivyo anyitwarako,

14 nzobigenza gute Imana niyaza kubatabara?

Nzoyishura iki niyabimbaza?

15 Mbega Imana yandemye si yo yabaremye?

Si yo yatubumbiye mu nda za ba mama twese?

16 Mbega naranse gufasha abakene,

nirengagiza imibabaro y’abapfakazi?

17 Noba narisangije ivyokurya,

nanka kubisangira n’impfuvyi?

18 Ahubwo kuva nkiri muto namye ndera impfuvyi nka se wazo,

kuva nkiva mu nda ya mama nitaho abapfakazi.

19 Nimba hari uwo nabonye yicwa no kubura ico yambara,

canke umukene yabuze umutamana,

20 hanyuma umutima wiwe ntumpezagire

kubera ko atasusurukijwe n’ikoti y’ubwoya bw’intama zanje,

21 kandi asangwa naragiriye nabi impfuvyi,

nitwaje igikenye c’ubucamanza,

22 ukuboko kwanje kuragatandukana n’igitugu,

kurakavunikira mu ngingo.

23 Kuko naratinya ko Imana yonteza ivyago biteye ubwoba,

kandi ku bw’icubahiro cayo,

sinokwubahutse gukora ikintu nk’ico.

24 Nimba narizigiye inzahabu,

nkabwira inzahabu ziramuye nti: ‘Uri ubutunzi bwanje,’

25 nimba umunezero wanje uva mu butunzi bwanje bwinshi,

no mu vyo amaboko yanje yarondeye,

26 nimba naritegereje ugukayangana kw’izuba,

nkabona ukwezi ingene kugendera mu nzira zakwo z’ifeza,

27 maze umutima wanje ukaremeshwa mu mpisho,

hanyuma nkabisenga,

28 ivyo na vyo vyombereye ivyaha vyo guhanwa,

kuko nobaye mpakanye Imana iri hejuru.

29 Sinigeze nezerererwa ivyago vy’umwansi wanje,

canke ngo mpimbarwe agize ingorane,

30 sinigeze nemerera akanwa kanje gucumura,

canke guhamagara imivumo ku buzima bwiwe.

31 N’abakozi bo mu nzu yanje ntibigeze bavuga bati:

‘Ni nde atarahazwa n’inyama za Yobu?’

32 Nta munyamahanga naraje hanze,

kuko inzu yanje yama yugururiwe ingenzi.

33 Sinigeze nyegeza icaha canje nk’uko abandi babigenza,

sinigeze ndagihisha mu mutima,

34 ndabitewe no gutinya amaso y’abantu,

canke gutinya iyindi miryango,

hanyuma ngo ninumire, nigumire i muhira.

35 Icompa hakagira uwunyumva, akaba ku ruhande rwanje.

Nshize umukono ku vyireguro vyanje,

Iyishoboravyose ninyishure,

umwansi wanje na we ni yandike ibirego vyiwe.

36 Ni ukuri novyiremeka ku rutugu,

nkavyambara ku mutwe nk’urugori.

37 Kuko nomwiganira ido n’ido ry’ivyo nakoze,

nohagarara imbere yiwe meze nk’umuganwa.

38 Nimba mu mirima yanje hatakamba handega,

ubusize bwaho bwose bukarira,

39 nimba narariye ivyeze vyaho ntabirishe,

canke nkica beneho,

40 harakamerera amahwa mu kibanza c’ingano,

n’ishamba ahobaye sayiri."

Amajambo ya Yobu aba ahereye aho.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-19_11-20-24-