Pular para o conteúdo
Publicidade

Confiar no Senhor

Por Bíblia Online

Confiar no Senhor é a base de toda vida espiritual. A confiança em Deus nos livra do medo, nos dá paz e nos posiciona para receber as promessas divinas.

Confiar de todo coração

Confia no Senhor de todo o coração. Não te apoies em teu próprio entendimento — em todos os caminhos o reconheça.

Wizigire Uhoraho n’umutima wawe wose,

ntiwishimire ugutahura kwawe.

Wame urondera ugushaka kwiwe mu vyo ukora vyose,

na we azogorora inzira zawe.

Uwuba mu bwugamo bw’Iyisumbavyose

azokwama ari mu gitutu c’Iyishoboravyose.

Nzobwira Uhoraho nti: "Uri ubuhungiro bwanje n’igihome kinkingira,

uri Imana yanje nizigira."

Ni ukuri azogukiza

umutego w’umutezi

n’ikiza gihonya.

Azokubundikiriza amoya yiwe,

kandi uzohungira musi y’amababa yiwe;

ubwizigirwa bwiwe ni bwo buzokubera inkinzo n’icuma gikingira igikiriza.

Abizigiye Uhoraho bameze nk’umusozi Siyoni,

udashobora kunyiganyizwa, ariko uhora ushikamye ibihe vyose.

Nk’uko imisozi ikikije Yerusalemu,

ni ko Uhoraho akikije abantu biwe

uhereye ubu ukageza ibihe bidashira.

Ntibazotinya inkuru mbi;

imitima yabo irashikamye, kuko bizigiye Uhoraho.

Wizigire Uhoraho ukore ivyiza;

guma mu gihugu unezerererwe uburagiro bwiza.

Uhimbarwe nUhoraho,

na we azoguha ivyo umutima wawe wipfuza.

Wegurire Uhoraho inzira yawe;

umwizigire na we azobishitsa:

Azotuma ingero yawe yo kugororoka ikayangana nk’umutwenzi,

n’urubanza rwawe nk’izuba ryo mu mashoka.

Abazi izina ryawe bazokwizigira,

kuko wewe, Uhoraho, ntiwigeze uheba abakurondera.

Segurança em Deus

Bem-aventurado o homem que confia no Senhor. Ele é como árvore plantada junto às águas — não temerá quando vier o calor.

Ariko hahiriwe umuntu yizigira Uhoraho,

ivyizigiro vyiwe bikaba muri we.

Azomera nk’igiti gitewe hafi y’amazi

gishorera imizi yaco mu migende y’amazi.

Ntigitinya mu gihe c’ubushuhe;

ibibabi vyaco bihora bitotahaye.

Nticiganyira no mu mwaka w’uruzuba

kandi nticigera kireka kwama ivyamwa.

Mwizigire Uhoraho ibihe vyose,

kuko Uhoraho Imana ubwiwe ari we gitandara gihoraho.

Ni ukuri Uhoraho ni we gakiza kanje,

nzomwizigira kandi sinzotinya.

Uhoraho Imana ubwiwe ni we nkomezi zanje n’indirimbo yanje,

yambereye agakiza."

Uhoraho Mushoboravyose,

hahiriwe uwukwizigira.

Bamwe bishimira imikogote abandi bakishimira amafarasi yabo,

ariko tweho twizigira izina ryUhoraho Imana yacu.

Bacishijwe bugufi baratemba,

ariko twebwe tuvuye hasi turashikama.

Ni vyiza guhungira kUhoraho

kuruta kwizigira abana b’abantu.

Ni vyiza guhungira kUhoraho

kuruta kwizigira abashizwe hejuru.

Não confiar no homem

Não temas — em ti confiarei. Melhor é confiar no Senhor do que confiar no homem ou nos príncipes.

Imana, iyo nshimira amajambo yayo,

Uhoraho, uwo mpimbaza ijambo ryiwe;

Imana ni yo nizigira maze singire ubwoba.

Mbega umuntu yoshobora kungira iki?

Ariko nizigiye urukundo rwawe rudashira;

umutima wanje unezerererwa agakiza kawe.

Ariko nizigiye wewe, Uhoraho;

ndavuga nti: "Uri Imana yanje."

Hahiriwe umuntu

yizigira Uhoraho,

ntashire amaso ku bibone,

canke ku bahindukirira ibigirwamana.

Yesu ahumuriza abigishwa biwe

"Ntimuhagarike imitima yanyu, mwizere Imana kandi nanje munyizere.

Seja o primeiro