Publicidade

Salmos 33

1 Nimuririmbire Uhoraho munezerewe, yemwe bagororotsi;

birabereye abatunganye kumuhimbaza.

2 Muhimbaze Uhoraho n’ikembe;

mumucurarangire n’inanga y’imirya cumi.

3 Mumuririmbire indirimbo nshasha;

mucurarangishe ubuhinga, muvuze impundu z’umunezero.

4 Kuko ijambo ry’Uhoraho rigororotse kandi ari iry’ukuri;

ni umwizigirwa mu vyo akora vyose.

5 Uhoraho akunda ubugororotsi n’imanza zibereye;

isi yuzuye urukundo rwiwe rudashira.

6 Amajuru yaremwe n’ijambo ry’Uhoraho,

inyenyeri zo kw’ijuru zose zaremwe n’impwemu z’akanwa kiwe.

7 Yegeraniriza mu mibindi amazi yo mu kiyaga;

ashira amazi yose yo mw’idamba mu bubiko.

8 Isi yose niyubahe Uhoraho;

abo mw’isi bose nibamwunamire.

9 Kuko yavuze bikaba;

agategeka, bigakomera.

10 Uhoraho ahindura ubusa imigambi y’amahanga;

asambura imigabo y’amoko.

11 Imigambi y’Uhoraho ihora ihangamye ibihe bidashira,

imigabo y’umutima wiwe yamaho uko urunganwe rukuranwa n’urundi.

12 Hahiriwe ihanga rifise Uhoraho nk’Imana yaryo,

abantu yitoranirije ngo bamubere inyegu.

13 Uhoraho ari mw’ijuru arunguruka kw’isi

ngo arabe abana b’abantu;

14 ari aho aba yitegereza

abari kw’isi bose;

15 Uwaremye imitima yabo bose,

yitegereza ivyo bakora vyose.

16 Nta mwami akizwa n’uko afise ingabo nyinshi;

nta muhizi akizwa n’uko afise inkomezi nyinshi.

17 Ntukizigire ifarasi ngo igukize;

naho ifise inkomezi nyinshi ntishobora gukiza.

18 Ariko inyonga z’Uhoraho ziri ku bamwubaha,

ku bizigira urukundo rwiwe rudashira,

19 ngo rubakize urupfu

rubazigame bagume ari bazima mu gihe c’ikigoyi.

20 Turindiriye Uhoraho twihanganye;

kuko ari umutabazi wacu n’inkinzo yacu.

21 Imitima yacu inezererwa muri we,

kuko twizigiye izina ryiwe ryera.

22 Urukundo rwawe rudashira rubane natwe, ewe Uhoraho,

kuko ari wewe twizigiye.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-