Publicidade

Salmos 120

Indirimbo yo mw’iduga.

1 Mu magorwa yanje nambaza Uhoraho,

na we akanyishura.

2 Nkiza, ewe Uhoraho,

iminwa ibesha

n’indimi z’ibinyoma.

3 Ewe wa rurimi rw’ibinyoma,

mbega azogukorera iki,

canke azoguhanisha ikindi nyabaki?

4 Azoguhanisha imyampi isongoye y’umuhizi,

n’amakara y’umurotemu yaka.

5 Jewe ndagowe kuko mba i Mesheki,

nkaba hagati mu mahema y’i Kedari!

6 Kuva kera cane nabaye

hagati y’abanka amahoro.

7 Jewe nshaka amahoro;

ariko iyo mvuze, bo bashaka intambara.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-