Publicidade

Salmos 64

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni Zaburi ya Dawidi.

1 Mana yanje, urumva ijwi ryanje ninagutakambira;

ukingire ubuzima bwanje kuko umwansi anteye ubwoba.

2 Mpisha unkize inama z’abanyakibi,

unkize imigabo mibi y’inkozi z’ikibi.

3 Bakarisha indimi zabo nk’inkota

batumbereza amajambo yabo mabi nk’imyampi yica.

4 Barasa uwutagira icaha bamwibundiye;

bamutera atiteguye, badatinya.

5 Baterana intege mu migambi yabo mibi,

bakavugana ivy’imitego yo mu mpisho;

bakavuga bati: "Ni nde abibona?"

6 Baja inama zo kurenganya abandi bakavuga bati:

"Twagize umugambi mwiza!"

Ni ukuri umutima w’umuntu uri n’ubugunge.

7 Ariko Imana izobarasisha imyampi yayo;

bazokubitwa hasi giturumbuka.

8 Azobasubiza ku mitwe amajambo yabo mabi

abashitseko uguhona;

abazobabona bose bazobazunguriza imitwe babacokora.

9 Abantu bose bazotinya;

bazokwamamaza ibikorwa vy’Imana

batahure ivyo yakoze.

10 Umugororotsi azonezererwa Uhoraho

amuhungireko;

abatunganye mu mitima bose bazomunezerererwa!

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-