Publicidade

Salmos 20

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni Zaburi ya Dawidi.

1 Uhoraho akwishure ku musi w’amagorwa;

izina ry’Imana ya Yakobo rikurinde.

2 Akurungikire ugutabarwa kuva ahera hiwe,

agushigikire ari i Siyoni.

3 Niyibuke ibimazi vyawe,

yemere amashikanwa yawe yose.

4 Aguhe ico umutima wawe ushaka

imigambi yawe yose ije mu ngiro.

5 Tuze turirimbishwe n’umunezero niwanesha

tuduze amabendera yacu mw’izina ry’Imana yacu.

Uhoraho akwishure ivyo wamusavye vyose.

6 Ubu ni ho nkimenya:

Uhoraho aha intsinzi uwo yarobanuje amavuta.

Amwishura ari ahera hiwe mw’ijuru

akamwishurisha inkomezi zo kunesha zo mu kuboko kwiwe kw’i buryo.

7 Bamwe bishimira imikogote abandi bakishimira amafarasi yabo,

ariko tweho twizigira izina ry’Uhoraho Imana yacu.

8 Bacishijwe bugufi baratemba,

ariko twebwe tuvuye hasi turashikama.

9 Uhoraho, uhe umwami intsinzi!

Kandi utwishure nitwakwambaza!

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-