Publicidade

Salmos 76

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Bavugira inanga. Ni Zaburi ya Asafu. Ni indirimbo.

1 Imana yamamaye i Buyuda;

muri Isirayeli izina ryiwe rirahambaye.

2 Ihema ryiwe riri i Salemu,

Siyoni ni ho aba.

3 Aho ni ho yavunaguriye imyampi yaka umuriro,

inkinzo n’inkota, hamwe n’ibigwanisho vy’intambara.

4 Urakayangana,

uri n’ubwiza kurusha imisozi y’abaguteye.

5 Abahizi baryamye hasi bafashwe mpiri,

basinziriye ubutikoma;

nta n’umwe mu bagwanyi

akivyura n’umutwe.

6 Kubera ijwi ryo gukankama kwawe, ewe Mana ya Yakobo,

ifarasi n’umukogote birambaraye hasi.

7 Ni wewe wenyene ukwiye kwubahwa.

Ni nde yoguhagarara imbere waratse?

8 Waciye amateka yawe uri mw’ijuru,

isi iratinya iratekereza;

9 igihe wahaguruka ngo uce imanza, ewe Mana,

ngo ukize aboro bo mu gihugu.

10 Ni ukuri ubushangashirwe bwawe ku bantu butuma uhimbazwa,

kandi amasigarira y’uburake bwawe azogukikiza.

11 Girana amasezerano n’Uhoraho Imana yawe kandi uyashitse;

kandi ibihugu bihakikije

nibizane ingabire kuri Imwe ikwiye kwubahwa

12 Acisha bugufi abatware;

yubahwa n’abami bose bo kw’isi.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-