Ni indirimbo yo mw’iduga.
1 Abizigiye Uhoraho bameze nk’umusozi Siyoni,
udashobora kunyiganyizwa, ariko uhora ushikamye ibihe vyose.
2 Nk’uko imisozi ikikije Yerusalemu,
ni ko Uhoraho akikije abantu biwe
uhereye ubu ukageza ibihe bidashira.
3 Icumu ry’ubugabe ry’umunyakibi ntirizokwama rishinze
mu gihugu cahawe abagororotsi,
kuko abagororotsi bohava
bakoresha amaboko yabo ibibi.
4 Uhoraho, girira neza abeza,
abatunganye mu mutima.
5 Ariko abahindukira bakaja mu nzira zigoramye
Uhoraho azobirukanana n’inkozi z’ikibi.
Amahoro abe kuri Isirayeli.