Publicidade

Salmos 95

1 Nimuze turirimbire Uhoraho tunezerewe;

tuvugirize impundu Igitandara c’agakiza kacu.

2 Tuze mu nyonga hiwe tumushima

tumuririmbire tuvugira ibicurarangisho.

3 Kuko Uhoraho ari Imana ihambaye,

ni Umwami ahambaye asumba ibigirwamana vyose.

4 I bwina h’isi hari mu kuboko kwiwe,

n’udutwe tw’imisozi ni utwiwe.

5 Ikiyaga ni iciwe, kuko ni we yakiremye,

ibiganza vyiwe ni vyo vyabumye i musozi.

6 Nimuze, tumwunamire tumusenge,

dupfukame imbere y’Uhoraho Umuremyi wacu;

7 kuko ari we Mana yacu

natwe turi abantu yiragiriye,

umukuku yitayeho.

Uwu musi icompa mukumva ijwi ryiwe rivuga riti:

8 "Ntimukomantaze imitima yanyu nk’uko mwayikomantarije i Meriba,

nk’uko mwabigize kuri urya musi i Masa mu bugaragwa,

9 aho ba sogokuruza banyu bangerageza

bakancaca, naho bari barabonye ivyo nakoze.

10 Nashavuriye urwo runganwe imyaka mirongo ine;

ndavuga nti: ‘Ni abantu bama bazimira mu mitima,

kandi ntibamenye inzira zanje.’

11 Ni co catumye ndahirana uburake nti:

‘Ntibazokwigera binjira aho kuruhukira nari narabateguriye.’ "

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-