Ni Zaburi ya Dawidi.
1 Uhoraho, ni nde azoba mw’ihema ryawe ryera?
Ni nde ashobora kuba ku musozi wawe wera?
2 Ni uwutagira umugayo mu buzima bwiwe,
akora ibigororotse,
akavuga ukuri kuvuye mu mutima;
3 ururimi rwiwe ntiruvuge nabi abandi,
ntagirire nabi mugenziwe,
ntavuge ibibi ku bandi.
4 Akengera abakora ibibi
ariko akubaha abubaha Uhoraho.
Yubahiriza ico yarahiye naho comugirira nabi,
ntiyihindukize mw’ijambo;
5 agurana abakene atiteze inyungu;
ntiyemera igiturire ngo arenganye uwuri mu kuri.
Uwukora ivyo
ntazokwigera anyiganyizwa.