Publicidade

Salmos 42

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni masikili ya bene Kora.

1 Nk’uko impongo ihuzagizwa irondera imigezi y’amazi,

ni ko n’umutima wanje uhuzagizwa ukwipfuza, ewe Mana yanje.

2 Umutima wanje unyoterewe Imana, Imana Nzima.

Nzogenda ryari kubonana n’Imana?

3 Amosozi yanje ni yo yabaye ivyokurya vyanje

ku murango no mw’ijoro,

mu gihe abantu bivugira bukarinda bwira bati:

"Imana yawe iri hehe?"

4 Ibi ni vyo nibuka

umutima wanje ukameneka:

ingene nahora nja mu nzu y’Imana,

nkingiwe n’Inyenkomezi,

ndi mu mashimwe n’impundu,

ndi kumwe n’abantu benshi banezerewe.

5 Mutima wanje, ni igiki gitumye wicurikira?

Ni igiki gitumye umpagararamwo?

Niwizigire Imana,

kuko nzosubira kumuhimbaza,

Umukiza wanje n’Imana yanje.

6 Umutima wanje wicurikiriye muri jewe;

ni co gituma nzokwibuka

ndi mu ntara ya Yorodani,

mu bushorishori bwa Herumoni; ndi ku musozi Mizari.

7 Idamba rihamagara irindi damba

mu gusuma kw’amazi asuma;

imikuba yawe yose n’imipfunda yawe

birandengeye.

8 Ku murango Uhoraho arongora urukundo rwiwe,

mw’ijoro indirimbo yiwe ibana nanje;

nk’isengesho ku Mana y’ubugingo bwanje.

9 Ndabwira Imana Gitandara canje nti:

"Ni kuki wanyibagiye?

Ni igiki cotuma ngenda ngandaye,

kubera guhahazwa n’umwansi wanje?"

10 Amagufa yanje avunagurikiye muri jewe,

kubera abansi banje bankindaga,

bukarinda bwira bambwira bati:

"Imana yawe iri hehe?"

11 Mutima wanje, ni igiki gitumye wicurikira?

Ni igiki gitumye umpagararamwo?

Niwizigire Imana,

kuko nzosubira kuyihimbaza,

yo mukiza wanje n’Imana yanje.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-