Publicidade

Salmos 102

Ni isengesho ry’umunyamibabaro acitse intege maze agasuka intimba ziwe imbere y’Uhoraho.

1 Uhoraho, niwumve ugusenga kwanje;

ugutakamba kwanje nikugushikeko.

2 Ntumpishe mu nyonga hawe

mu gihe ndi mu magorwa.

Ntega ugutwi;

ninagutakambira, unyishure vuba.

3 Kuko imisi yanje itumutse nk’umwotsi;

amagufa yanje yaka nk’ikiyigira.

4 Umutima wanje ucitse intege ukabirana nk’ubwatsi,

nibagira kurya indya zanje.

5 Mu magorwa yanje ndaniha cane

urukoba rwanje rwafatanye n’amagufa.

6 Nabaye nk’igihuna co mu bugaragwa,

nk’inyanana yo mu misaka.

7 Sintora agatiro; nabaye

nk’inyoni iri ukwa yonyene ku gisenge c’inzu.

8 Abansi banje barantuka bukarinda bwira;

abancokora bakoresha izina ryanje mu kuvumana.

9 Kuko ndya umunyota nk’indya

nkavanga ivyo nywa n’amosozi

10 kubera uburake bwawe bwinshi,

kuko wamfashe ukanterera i ruhande.

11 Imisi yanje yabaye nk’igitutu co ku mugoroba;

nkabiranye nk’ubwatsi.

12 Ariko wewe, Uhoraho, uhangamye ibihe bidashira;

uzokwama uri rurangiranwa uko urunganwe ruzokurikirana n’urundi.

13 Uzova hasi ugirire imbabazi Siyoni,

kuko hageze ko uhagirira neza;

igihe cashinzwe kirashitse.

14 Kuko amabuye yaho ari ay’igiciro ku basavyi bawe;

n’umukungugu waho utuma bahumvira akagongwe.

15 Amahanga azokwubaha izina ry’Uhoraho,

abami bose bo mw’isi bazokwunamira kubera icubahiro cawe.

16 Kuko Uhoraho azosubira kwubaka Siyoni

aseruke mu bwiza bwiwe.

17 Azokwishura ugusenga kw’umugorwa;

ntazokwirengagiza ukwinginga kwiwe.

18 Ibi nivyandikirwe abo mu runganwe ruzoza,

kugira ngo abataravuka baze bahimbaze Uhoraho bati:

19 "Uhoraho yarungurutse ari ahera hiwe mw’ijuru,

ari mw’ijuru yarungurutse isi,

20 ngo yumve ukuniha kw’imbohe

kandi ngo abohore abaciriwe urwo gupfa."

21 Nuko izina ry’Uhoraho rizovugwa i Siyoni

n’i Yerusalemu bazomuhimbaza

22 aho amoko yose n’ubwami bwose

bazokoranira hamwe gusenga Uhoraho.

23 Ngeze hagati y’urugendo rwanje yamaze inkomezi;

yagabanije imyaka yanje.

24 Nuko ndavuga nti:

"Ntunkureho, Mana yanje, nkiri hagati y’imyaka yanje yo kubaho;

wewe wamaho ibihe vyose.

25 Ubwa mbere na mbere washizeho amatanguriro y’isi,

kandi amaboko yawe ni yo yaremye amajuru.

26 Bizoshira, ariko wewe wamaho;

vyose bizosaza nk’impuzu.

Uzobihindura nk’uwuhindura impuzu

maze bishire.

27 Ariko wewe uhora uko wamye,

kandi imyaka yawe ntigira iherezo.

28 Abana b’abasavyi bawe bazoba mu nyonga hawe;

uruvyaro rwabo ruzokwama imbere yawe."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-