Publicidade

Salmos 81

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Muri Gititi. Ni iya asafu.

1 Nimuvugirize Imana impundu y’umunezero, yo nkomezi zacu;

muririmbire Imana ya Yakobo n’ijwi rirenga!

2 Shirako mucurarange, muvuze ingoma,

muvuze inanga y’ijwi rirengera n’ikembe.

3 Muvuze ihembe ry’intama ku mboneko y’ukwezi,

no mu mfato zakwo, ku musi mukuru wacu;

4 iki ni icagezwe kuri Isirayeli,

ni ibwirizwa ry’Imana ya Yakobo.

5 Aho Imana yaja kugwanya Egiputa,

yarishinze nk’ibwirizwa ku ba Yosefu.

Numvise ijwi ntazi rivuga riti:

6 "Nabatuye umutwaro wari ku bitugu vyabo;

nakijije amaboko yabo ibitebo vy’amatafari.

7 Mu marushwa yanyu mwaranyambaje nanje ndabakiza,

nabishuye ndi mu gihuhusi;

nabagereje ku mazi y’i Meriba.

8 Nimuntege amatwi, yemwe bantu banje, kuko ngira ndabihanikirize;

ese icompa mukanyumvira, yewe Isirayeli!

9 Ntihakagire imana y’inyamahanga iba muri mwebwe;

ntihakagire iyindi mana musenga atari jewe.

10 Ndi Uhoraho Imana yanyu,

nabaduganye ndabakuye muri Egiputa.

Asama cane nanje nduzuza akanwa kawe.

11 Ariko abantu banje ntibanyumviye;

Isirayeli ntibanyubashe.

12 Ni co catumye ndeka imitima yabo ikomantaye

ngo ikurikire ivyo biyumvira.

13 Icompa abantu banje bakanyumvira,

icompa Isirayeli bagakurikira inzira zanje,

14 nokwirukanye abansi babo vuba

nohindukirije ukuboko kwanje ku babagwanya!

15 Abanka Uhoraho bomwunamira,

kandi igihano cabo cobaye ic’ibihe vyose.

16 Ariko mweho mwogaburiwe ingano z’indobanurwa;

kandi nobahagije ubuki bwo mu gitandara."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-