1 Amajuru yamamaza ubwiza bw’Imana;
ibirere bimenyesha igikorwa c’intoke ziwe.
2 Umurango ubibwira uwundi murango;
ijoro rikabimenyesha irindi joro.
3 Ntibisohora ijwi canke amajambo;
nta jwi ryavyo ryumvikana.
4 Ariko inkuru yavyo yumvikanye mw’isi yose;
kandi ivyo vyavuze vyashitse ku mpera z’isi.
Imana yashingiye ihema izuba iyo mw’ijuru.
5 Rimeze nk’umukwe asohotse ava mu cumba ciwe,
rimeze nka rurangiranwa mu kwiruka anezerererwa uguhiganwa kwiwe.
6 Riserukira ku mpera imwe y’ijuru
rikagenda urugendo rwaryo rija ku yindi mpera;
nta kintu na kimwe kidashikirwa n’ubushuhe bwaryo.
7 Ivyagezwe vy’Uhoraho biratunganye,
bisubiza intege mu mutima.
Ivyo Uhoraho yageze ni ivyo kwizigirwa,
biha umunyabwengebuke ubwenge.
8 Ivyo Uhoraho yihanikirije ni ivyo kuri,
binezereza umutima.
Ivyo Uhoraho yashinze birakayangana,
bimurikira amaso.
9 Kwubaha Uhoraho biratunganye,
guhoraho ibihe vyose.
Ivyo Uhoraho yategetse birashikamye,
kandi vyose biragororotse.
10 Bifise agaciro kurusha inzahabu,
kurusha inzahabu iramuye;
bisosa kurusha ubuki,
kurusha ubuki buvuye mu kimamara.
11 Muri vyo ni ho umusavyi wawe aburirwa;
kuvyitondera bifise impera nyinshi.
12 Ariko ni nde yoshobora kwimenyako amakosa?
Umparire ivyaha vyanyinyegeje.
13 Urinde kandi umusavyi wawe ivyaha vy’akagagazo;
ntibinganze.
Ni ho nzoba uwutagira umugayo,
ntagirizwa ukugabitanya guhambaye.
14 Aya majambo yo mu kanwa kanje
n’uku kurimbura kw’umutima wanje
bibe ibihimbara mu nyonga zawe, Uhoraho, Gitandara canje, Mucunguzi wanje.