1 Umutima wanje urashikamye ewe Mana;
nzoririmba ncurarange n’umushaha wanje wose.
2 Ewe nanga nawe kembe, nimwikangure!
Nzovyura umutwenzi.
3 Ewe Uhoraho, nzoguhimbaza mu moko menshi;
nzokuririmba ndi mu mahanga.
4 Kuko urukundo rwawe ari rwinshi, rushika no mu majuru;
ubwizigirwa bwawe bushika no mu birere.
5 Nushirwe hejuru, ewe Mana, hejuru y’amajuru;
icubahiro cawe gikwire kw’isi yose.
6 Dutabarishe ukuboko kwawe kw’i buryo, kandi utwishure;
kugira ngo abo ukunda bakire.
7 Imana yavugiye ahera hayo iti:
"Mu kunesha kwanje nzogaburamwo ibice Shekemu,
kandi nzogeresha umugozi ikiyaya c’i Sukoti.
8 Gileyadi ni uwanje, kandi Manase ni uwanje;
Efurayimu ni we nkofero yanje,
Yuda ni icumu ryanje ry’ubugabe.
9 Mowabu ni ibesani niyogeramwo,
kuri Edomu ni ho nkunkumurira ibirato vyanje;
Kuri Filisitiya ni ho nivugira amazina yo kunesha."
10 Ni nde azonshikana mu gisagara gikikujwe inzitiro?
Ni nde azondongora gushika kuri Edomu?
11 Mbega si wewe ga Mana
wadutaye, Ntube ukijana n’ingabo zacu ku rugamba?
12 Dufashe kugwanya umwansi,
kuko ugutabara kw’abantu ata co kumaze.
13 Turi kumwe n’Imana tuzonesha intambara,
Kandi izosiribanga abansi bacu.