Pular para o conteúdo
Publicidade

Zaburi 11

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni Zaburi ya Dawidi.

1 Uhoraho ni we mpungirako.

None ni kuki mwombwira muti:

"Guruka uhungire ku musozi nk’inyoni kugira ngo ukire!

2 Kuko raba abanyakibi bafoye imiheto yabo;

batumbereje imyampi yabo

ngo barasire mu mwijima

uwutunganye mu mutima.

3 Nimba amatanguriro asambuwe,

mbega umugororotsi yokora iki?"

4 Uhoraho ari mu Ngoro yiwe yera;

Uhoraho avyagiye ku ntebe yiwe y’ubwami yo mw’ijuru.

Araba abantu bose bari mw’isi;

inyonga ziwe zirabagenzura.

5 Uhoraho agenzura abagororotsi,

ariko abanyakibi, bamwe bakunda umuryano,

abanka urunuka.

6 Abanyakibi azobacukumburirako

amakara arurumba n’amazuku yaka umuriro;

umuyaga uturira ni wo uzoba umugabane wabo.

7 Kuko Uhoraho agororotse,

akunda ubutungane;

abatunganye bazobona mu nyonga hiwe.

Estes versículos te tocaram? Ore agora!

+581 estão orando agora.

Junte-se à corrente de oração.

Veja também