Publicidade

Salmos 73

Ni Zaburi ya Asafu.

1 Ni ukuri Imana ni nziza kuri Isirayeli,

ku bafise imitima itanduye.

2 Ariko jeho, ibirenge vyanje hari hasigaye gatoya bikanyerera;

hari habuze gatoya ngatemba.

3 Kuko nagirira ishari abibone

aho nabona abanyakibi baguwe neza.

4 Bibereyeho nk’abatagira ingorane;

bafise amagara meza kandi barakomeye.

5 Imibabaro abandi bacamwo bobo ntibashikako;

ntibashikirwa n’ivyago nk’abandi.

6 Ni co gituma ubwishime babwambaye mw’izosi nk’umugufu;

umuryano bakawambara nk’impuzu.

7 Mu mitima yabo mibi havamwo ibigabitanyo,

imigabo yabo mibi ntigira iherezo.

8 Baracokorana, bakavuga ivy’agahahazo;

bavugana ubwibone amajambo y’agacinyizo.

9 Akanwa kabo kavuga nabi ivy’ijuru,

indimi zabo zikihayagiza mw’isi.

10 Ni co gituma abantu babahindukirira

bakiranguza amajambo yabo nk’uwunywa amazi.

11 Baravuga bati: "Imana yobimenya gute?

Mbega Iyisumbavyose hari ico izi?"

12 Uko ni ko abanyakibi bameze;

bama baguwe neza, biyegeraniriza ubutunzi.

13 Ni ukuri nta co nungutse mu kwirinda kwanduza umutima wanje

amaboko yanje agakaraba mu kudacumura.

14 Narababaye burinda bwira,

kandi igitondo cose kikanzanira imibabaro.

15 Iyo mba naravuze ntyo,

mba narabaye umuguranyi w’abana bawe.

16 Igihe nagerageza gutahura ivyo vyose,

vyarambabaje cane

17 gushika aho ninjiye ahera h’Imana;

maze ntahura iherezo ryabo rya nyuma.

18 Ni ukuri, ubashira ahantu hanyerera;

ubakororera mu mahonero.

19 Bahona mu kanya isase,

bakurwaho rwose bishwe n’ubwoba.

20 Bameze kurya kw’inzozi iyo umuntu yikanguye;

aho uzovira hasi, ewe Mana,

uzobatwenga nk’uko umuntu atwenga ivyo yaraye arose.

21 Aho umutima wanje wababara

umutima wanje ukantunturiramwo,

22 nari igipfu n’inyoberwa;

nari nk’igikoko imbere yawe.

23 Ariko namana nawe imisi yose;

umfashe ukuboko kw’i buryo.

24 Undongoza inama ungiriye,

kandi hanyuma uzonjana mu bwiza bwawe.

25 Ni nde mfise mw’ijuru atari wewe?

No mw’isi nta co mfise nipfuza atari wewe.

26 Umubiri wanje n’umutima wanje bishobora kugira intege nke,

ariko Imana ni yo nkomezi z’umutima wanje,

ni yo mugabane wanje ibihe bidashira.

27 Abagiye kure yawe bazopfa rubi;

uzohonya abaguteye ibitugu.

28 Ariko jeho, bimbereye vyiza kuba hafi y’Imana.

Nagize Uhoraho Nyeninganji ubuhungiro bwanje;

nzokwamamaza ivyo wakoze vyose.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-