Publicidade

Salmos 78

Ni masikili ya Asafu.

1 Bantu banje, nimwumve ukwigisha kwanje;

nimwumvirize amajambo yo mu kanwa kanje.

2 Reka nugurure akanwa kanje nce umugani;

ndavuga natura ibihishijwe, ivya kera muri kahise;

3 ivyo twumvise tukamenya,

ivyo ba sogokuruza batubwiye.

4 Ntituzobinyegeza abana bacu;

tuzobibwira abo mu runganwe ruzoza.

Ivyo Uhoraho yakoze bibereye gushimwa,

inkomezi ziwe, n’ibitangaza yakoze.

5 Yashingiye aba Yakobo ivyagezwe

yashinze amabwirizwa kuri Isirayeli,

ivyo yategetse ba sogokuruza

ngo bavyigishe abana babo,

6 kugira ngo abo mu runganwe ruzoza baze babimenye,

mbere n’abana bataravuka

maze na bo baze babibwire abana babo.

7 Maze bazokwizigira Imana

kandi ntibazokwibagira ivyo yakoze

ariko bazokwitondera amabwirizwa yiwe.

8 Ntibaze babe nka ba sekuruza babo;

bari urunganwe rw’intumva kandi rugarariza,

bari bafise imitima itumvira Imana,

imitima yabo ntiyamugororokera.

9 Abefurayimu naho bari bafise imiheto,

barahunze ku musi w’intambara.

10 Ntibagumye mw’isezerano ry’Imana

kandi banse no kugendera mu Vyagezwe vyayo.

11 Bibagiye ivyo yari yakoze,

hamwe n’ibitangaza yari yaraberetse.

12 Yakoreye utwumiza imbere ya ba sekuruza babo

mu gihugu ca Egiputa, mu ntara y’i Zowani.

13 Yagabuyemwo kubiri ikiyaga akibacishamwo;

yatumye amazi ahagarara nk’uruhome.

14 Yabarongoje inkingi y’igicu ku murango,

n’inkingi y’umuriro mw’ijoro.

15 Yasatuye igitandara mu bugaragwa

abaha amazi menshi nk’ayo mu biyaga;

16 yabatoboreye umugende mu gitandara c’isare

atuma amazi atemba nk’inzuzi.

17 Ariko bashishikaye kumucumurako,

bagarariza Iyisumbavyose bari mu bugaragwa.

18 Bagerageje Imana n’ibigirankana

mu gusaba indya bipfuza.

19 Bidodombeye Imana;

baravuga bati: "Mbega Imana vy’ukuri

yodutegurira imeza mu bugaragwa?

20 Egome, yarakubise igitandara,

maze amazi aradudubiza,

imigezi irasendanisha,

ariko none yoshobora kuduha indya?

Yoshobora guha inyama abantu bayo?"

21 Uhoraho abumvise, arashangashirwa;

umuriro wiwe waduka mu ba Yakobo,

n’uburake bwiwe buziriringira Isirayeli,

22 kuko batizeye Imana

canke ngo bizigire ugutabara kwayo.

23 Ariko na ho nyene yategetse ikirere

yugurura imiryango yo mw’ijuru;

24 agwisha manu nk’imvura abantu bararya,

yabahaye imikate ivuye mw’ijuru.

25 Abana b’abantu bariye imfungurwa z’abamarayika;

yabarungikiye ivyokurya vyose bashobora kurya.

26 Yategetse ijuru kurekura umuyaga wo mu buseruko

kandi umuyaga wo mu bumanuko urahuhuta ku bwo inkomezi ziwe.

27 Atuma inyama zimanuka aho bari nk’umukungugu,

inyoni zingana n’umusenyi wo kw’isesero ry’ikiyaga.

28 Yatumye zarara aho bari bacumbitse,

hirya no hino y’amahema yabo.

29 Barazirya gushika baziduhiwe;

yabahaye ivyo bipfuza.

30 Ariko bakiriko bararya ivyo bipfuje,

igihe inyama zari zikiri mu kanwa kabo,

31 Uburake bw’Imana burabaziriringira;

yica abanyenkomezi bari muri bo,

atsinda hasi imisore ya Isirayeli.

32 Naho vyagenze uko, babandanije gucumura;

naho yakoze ibitangaza bikomeye, ntibamwizeye.

33 Uko ni ko yashize kw’iherezo imisi yabo nk’impwemu zihumetswe

n’imyaka yo kubaho kwabo nk’ikiza.

34 Mu gihe cose Imana yica bamwe muri bo, baca bayirondera;

bakayigarukako n’umwete mwinshi.

35 Bibutse ko Imana ari yo Gitandara cabo,

ko Imana Musumbavyose ari yo Mucunguzi wabo.

36 Ariko batangura kuyihemesha iminwa yabo;

bayihendesha indimi zabo;

37 imitima yabo ntiyayumvira,

ntibitondera isezerano ryayo.

38 Ariko naho nyene yagumye ari inyembabazi;

yahariye ibigabitanyo vyabo

ntiyabarandura.

Yama yigarura ikareka kuraka

kandi ntiyabarekurirako ubushangashirwe bwayo bwose.

39 Imana yibutse ko ari abantu buntu

bameze nk’umuyaga urengana ntube ukigaruka.

40 Ese ingene bamugararije mu bugaragwa,

bakamutunturiza mu gahinga!

41 Bama bagerageza Imana kenshi;

barakije Uwera wa Isirayeli.

42 Ntibibutse ubushobozi bwiwe;

mu gihe yabacungura akabakura mu maboko y’ababahahaza,

43 ku musi yerekaniyeko ibitangaza vyiwe muri Egiputa,

hamwe n’utwumiza twiwe mu ntara ya Zowani.

44 Yahinduye uruzi rwabo amaraso;

ntibashobora kunywa amazi yo mu masoko yabo.

45 Yabarungikiye ibibugu birabarya,

n’ibikere vyonona igihugu cabo.

46 Imirima yabo yayigaburiye inzige,

ivyimburwa vyabo biribwa n’intoteza.

47 Imizabibu yabo yayitikirishije urubura

imisukomora yabo yicwa n’igikonyozi.

48 Amasho yabo yayamarishije urubura,

ibitungwa vyabo yabikubitishije inkuba.

49 Yabarekuriyeko uburake bwiwe bwaka umuriro;

ubushangashirwe bwiwe bwose,

uburake bwiwe bw’inkazi, n’igitsure ciwe;

vyazananye n’abamarayika barandura.

50 Yateguye inzira y’uburake bwiwe;

ntiyabakingira ngo ntibapfe;

ariko abateza ikiza gihonya.

51 Yishe imfura zose zo muri Egiputa,

uburiza bwo mu bantu bo mu mahema ya Hamu.

52 Ariko isohora abantu bayo nk’umukuku;

abarongora nk’intama mu bugaragwa.

53 Yabarongoye amahoro bituma batagira ubwoba;

ariko ikiyaga kimira abansi babo.

54 Uko ni ko yabashikanye ku rubibe rw’igihugu ciwe cera,

mu gihugu c’imisozi yari yigarurije umuheto.

55 Yakinagije amahanga imbere yabo

aca abagaburira igihugu ngo bacegukire;

ashira imiryango ya Isirayeli mu mazu yabo.

56 Ariko bagerageza Imana

bagarariza Iyisumbavyose;

ntibitondera ivyo yashinze.

57 Bagararije nka ba sekuruza babo ntibizera,

bamera nk’umuheto ugoramye ata wowizigira.

58 Bayirakishije n’ibibanza vyo gusengeramwo ku misozi;

bayiteje ishari ibigirwamana vyabo.

59 Imana imaze kubumva irashangashirwa;

ica iheba Isirayeli rwose.

60 Iheba inzu yayo yari i Shilo,

ihema yari yashinze mu bana b’abantu.

61 Yemera ko isandugu y’inkomezi ziwe ijanwa mu kinyago,

n’ubwiza bwiwe ko bukorokera mu maboko y’umwansi.

62 Abantu biwe yabarekuriye ku nkota;

arakira umugabane wiwe.

63 Umuriro watongoye abasore babo,

n’inkumi zabo ntizavyinye imvyino z’ubukwe;

64 abaherezi babo bamazwe n’inkota,

n’abapfakazi babo ntibashobora kurira.

65 Maze Imana ivyuka nk’iyari isinziriye,

nk’umuhizi atewe intege n’umuvinyu.

66 Yasanzaje abansi bayo;

ibateza ibimaramare bidashira.

67 Maze itera ibitugu amahema ya Yosefu,

ntiyatoranya umuryango wa Efurayimu;

68 Ariko itoranya umuryango wa Yuda,

Umusozi Siyoni, uwo yakunze.

69 Yubatse Ingoro yayo nk’agatwe k’umusozi,

iyigira nk’isi yama ishimangiye ibihe vyose.

70 Yatoranije Dawidi umusavyi wayo

maze imukura mu mpongore z’intama;

71 yamukuye inyuma y’intama

imuhindura umwungere w’abantu bayo ari bo bene Yakobo,

Isirayeli inyegu yiwe.

72 Maze Dawidi abaragirana umutima utunganye;

abarongoza ubuhinga bwo mu biganza vyiwe.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-