1 Uhoraho arahambaye, abereye gushimwa,
mu gisagara c’Imana yacu, ku musozi wayo wera.
2 Ni mwiza uteye igomwe,
utera umunezero isi yose,
Umusozi Siyoni ni nk’ubushorishori bwa Zafori,
ni wo gisagara c’Umwami ahambaye.
3 Imana iri mu minara yawo;
yiyerekanye ari yo gihome kiwukingira.
4 Igihe abami baja hamwe,
igihe baza kuhatera bose,
5 barawubonye baratangara;
bafashwe n’ubwoba barahunga.
6 Guhinda agashitsi kwabafatiye aho,
bafashwe n’ibise nk’ivy’umugore agira avyare.
7 Wabasambuye nk’ubwato bw’i Tarushishi
busambuwe n’umuyaga uturutse mu buseruko.
8 Nk’uko twavyumvise,
ni ko twabisanze
mu gisagara c’Uhoraho Mushoboravyose,
mu gisagara c’Imana yacu:
Imana irawukingira
ibihe bidashira.
9 Yewe Mana, turi mu Ngoro yawe,
tuzirikana urukundo rwawe rudashira.
10 Yewe Mana, nk’uko izina ryawe riri,
ishimwe ryawe rishika ku mpera z’isi;
ukuboko kwawe kw’i buryo kwuzuye ukugororoka.
11 Umusozi Siyoni uranezerewe,
imihana y’i Buyuda irahimbawe
kubera amateka yawe.
12 Nimutembere i Siyoni, muhazunguruke,
muharure iminara yaho,
13 mwihweze neza inzitiro zaho,
murabe iminara yaho,
kugira ngo muze mubibwire
abo mu runganwe ruzoza.
14 Kuko iyo Mana ari yo Mana yacu ibihe n’ibihe;
ni yo izoturongora no gushika kw’iherezo.