1 Uhoraho we, waransuzumye,
ugirako uramenya.
2 Urazi iyicara ryanje n’iva hasi ryanje;
umenyera kure ivyo niyumvira.
3 Umenya iyo ngendagenda n’iyo ndyamye;
umenyereye inzira zanje zose.
4 Ijambo ritarashika ku rurimi rwanje
wewe, Uhoraho, uba warimenye ido n’ido.
5 Unkikuje imbere n’inyuma,
kandi unshizeko ikiganza cawe.
6 Ukumenya bene uko ni igitangaza kuri jewe,
gushika kure aho ntoshika.
7 Mbega Mpwemu wawe nomuhungira hehe?
Noja he ngo mpunge mu nyonga hawe?
8 Noja mw’ijuru, ni ho uri;
nokwubaka uburiri bwanje i bwina, ni yo uri.
9 Nova hasi nkaja ku mababa y’umutwenzi,
noja kuba hirya kure hakurya y’ikiyaga,
10 naho nyene ikiganza cawe cohandongorera,
ukuboko kwawe kw’i buryo kwoncakira.
11 Novuga nti: "Ni ukuri umwijima ugiye kumpisha
n’umuco uhinduke ijoro ahankikuje,"
12 n’umwijima na wo nyene ntiwoba umwijima kuri wewe;
ijoro rizokayangana nk’umurango,
umwijima na wo ni nk’umuco kuri wewe.
13 Kuko ari wewe waremye ibimbamwo vyose;
wanteranirije mu nda ya mama;
14 Ndaguhimbaza kuko naremwe mu buryo buteye ubwoba kandi butangaje;
ivyo ukora biratangaje,
ivyo ndabizi neza.
15 Igikankara canje nticari gihishijwe inyonga zawe
igihe naremerwa mw’ibanga,
igihe nateranirizwa i bwina mw’isi.
16 Amaso yawe yarabona umubiri wanje ukiri amazi;
imisi wanshingiye yari yanditswe mu gitabu cawe
imbere yuko habaho n’umwe.
17 Ese ukungene ivyiyumviro vyawe ari ivy’igiciro, ewe Mana!
Ese ukungene ari vyinshi!
18 Nobiharura,
vyoruta umusenyi;
iyo nikanguye, nsanga nkiri kumwe na we.
19 Ese icompa akaba ari wewe wenyene, ewe Mana, wica abanyakibi!
Mva i ruhande mwa binywamaraso mwe!
20 Bakuvugako ibibi;
abansi bawe bakoresha nabi izina ryawe.
21 Mbega sinanka abakwanka, ga yewe Uhoraho,
kandi sinkengera abakugarariza?
22 Nta kindi mfise atari urwanko ndabanka;
ndababona nk’abansi banje.
23 Nsesa, ewe Mana, umenye umutima wanje;
ungeze umenye ivyiyumviro vyanje.
24 Raba ko hoba hari inzira y’icaha iri muri jewe,
kugira ngo undongorere mu nzira y’ibihe bidashira.