1 Mana, waradutaye, kandi waduciyemwo imigwi;
waraturakiye; none ubu nutugarukane!
2 Wanyiganyije igihugu ugisiga ari umusaka;
none rero zibira ibihengeri vyaco,
kuko kiriko kirazungazunga.
3 Weretse abantu bawe ibihe bigoye;
watunywesheje umuvinyu utuma tudandabagirana.
4 Ariko ku bakwubaha, wabadugirije ibendera
nk’ikimenyetso ngo bahunge imyampi y’ababateye.
5 Dutabarishe ukuboko kwawe kw’i buryo, kandi utwishure;
kugira ngo abo ukunda bakire.
6 Imana yavugiye ahera hayo iti:
"Mu kunesha kwanje nzogaburamwo ibice Shekemu,
kandi nzogeresha umugozi ikiyaya c’i Sukoti;
7 Gileyadi ni uwanje, kandi Manase ni uwanje;
Efurayimu ni we nkofero yanje,
Yuda ni icumu ryanje ry’ubugabe.
8 Mowabu ni ibesani niyogeramwo,
kuri Edomu ni ho nkunkumurira ibirato vyanje;
Kuri Filisitiya ni ho nivugira amazina yo kunesha."
9 Ni nde azonshikana mu gisagara gikikujwe inzitiro?
Ni nde azondongora gushika kuri Edomu?
10 Mbega si wewe ga Mana wadutaye,
ntube ukijana n’ingabo zacu ku rugamba?
11 Dufashe kugwanya umwansi,
kuko ugutabara kw’abantu ata co kumaze.
12 Turi kumwe n’Imana tuzonesha intambara,
kandi izosiribanga abansi bacu.