Publicidade

Salmos 12

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni Sheminite. Ni Zaburi ya Dawidi.

1 Tabara, ewe Uhoraho, kuko ata mwizigirwa agisigaye;

abizigirwa baheze mu bantu.

2 Umuntu wese ahenda mugenziwe;

bahendanisha iminwa yabo

ariko imitima yabo yuzuye ubugunge.

3 Icompa Uhoraho akazibiza iminwa ihendana

n’ururimi rwose rwishira hejuru.

4 Bavuga bati:

"Tuzotsinda ku bw’indimi zacu;

iminwa yacu ubwacu ni yo izotuburanira; ni nde atuganza?"

5 Ariko Uhoraho avuze ati:

"Kubera abakene banyazwe ivyabo n’abagorwa baniha,

ngira mve hasi ndabakize ababasuzugura."

6 Kandi amajambo y’Uhoraho ni ay’ukuri,

nk’ifeza zavugutiwe mu ruganda,

nk’inzahabu zavugutiwe incuro indwi.

7 Ewe, Uhoraho, uzozigama umugorwa amahoro,

kandi uzoturinda umunyakibi ibihe vyose.

8 Abantu nk’abo bigenza ahantu hose

iyo ikibi cahawe intebe mu bantu.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-