1 Niwumvirize amajambo yanje, ewe Uhoraho,
witeho ugucura intimba kwanje.
2 Wumve ugutaka kwanje untabare,
Mwami wanje kandi Mana yanje,
kuko ari wewe nsenga.
3 Mu gitondo wumve ijwi ryanje;
mu gitondo nzana imbere yawe ivyo ngusaba
nkarindira niteze inyishu yawe.
4 Nturi Imana ihimbarwa n’ikibi;
kandi abanyakibi nta kibanza bafise imbere yawe.
5 Abibone ntibazohagarara
imbere y’inyonga zawe.
Wanka abakora ibibi bose;
6 uherengeteza abavuga ibinyoma bose.
Abasesa amaraso n’ingunge
Wewe, Uhoraho, ubanka urunuka.
7 Ariko jewe, ku bw’urukundo rwawe rwinshi,
ndashobora kuza mu Ngoro yawe;
nkunama nubashe,
ntumbereye urusengero rwawe rwera.
8 Ndongorera mu kugororoka kwawe, ewe Uhoraho,
kuko mfise abansi.
Utumbereze inzira yawe imbere yanje.
9 Nta kuri kuva mu kanwa kabo;
umutima wabo wuzuyemwo ubugunge,
umuhogo wabo ni nk’imva irangaye;
indimi zabo bazivugisha ibinyoma.
10 Bamenyeshe ko batsinzwe, ewe Mana!
Ubugunge bwabo nibubabere umutego.
Ubirukane kubera ivyaha vyabo vyinshi,
kuko bakugararije.
11 Ariko abaguhungiyeko bose banezerwe;
baririmbishwe n’umunezero ibihe bidashira.
Bapfuke ubakingire,
kugira ngo abakunda izina ryawe bakunezerererwe.
12 Ni ukuri, ewe Uhoraho, ni wewe uhezagira abagororotsi;
ubakikiza ukugira neza kwawe nk’inkinzo.