Publicidade

Salmos 54

Yahawe umukuru w’abaririmvyi bavugira inanga. Ni masikili ya Dawidi. Ni igihe Abanyazifu bari bagiye kwa Sawuli bakavuga bati: "Mbega Dawidi ntiyinyegeje iwacu?"

1 Mana, nunkize ku bw’izina ryawe;

ngwanira ku bw’inkomezi zawe.

2 Mana, niwumve ugusenga kwanje;

niwumvirize amajambo y’akanwa kanje.

3 Abansi bibona baje kuntera;

abicanyi bagomba kunyica;

abantu batababaye Imana.

4 Ni ukuri Imana ni yo mutabazi wanje;

Uhoraho ni we anshigikira.

5 Ikibi nigisubire ku bamvuga nabi;

mu bwizigirwa bwawe nubasangangure.

6 Nzogushikanira ikimazi n’umutima ubikunze;

nzoshima izina ryawe, Uhoraho, kuko ari ryiza.

7 Wantabaye mu magorwa yanje yose,

kandi amaso yanje yiboneye ukuneshwa kw’abansi banje.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-