Publicidade

Salmos 3

Zaburi Dawidi yanditse igihe yahunga umuhungu wiwe Abusalomu.

1 Uhoraho, abanyanka ni benshi!

Abampagurukiye baragwiriye!

2 Benshi bamvugako bati:

"Imana ntizomukiza."

3 Ariko wewe Uhoraho, uri inkinzo inkingira impande zose,

uri icubahiro canje, uwutuma mpagarara nemye.

4 Nambaza Uhoraho,

na we akanyishura ari ku musozi wiwe wera.

5 Ndaryama ngasinzira;

nkongera nkikangura, kuko Uhoraho ari we anshigikiye.

6 Sinzotinya naho ingabo ibihumbi vyinshi

zonyugariza impande zose.

7 Haguruka, ewe Uhoraho!

Ntabara, ewe Mana yanje!

Kubita abansi banje bose mu musaya;

uhongore amenyo y’abanyakibi.

8 Ugutabarwa kuva k’Uhoraho.

Umugisha wawe nube ku bantu bawe.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-