1 Nimwubahe Uhoraho, yemwe ngabo zo mw’ijuru,
mwubahe Imana kubera ubwiza bwayo n’inkomezi zayo.
2 Nimuhe Uhoraho icubahiro kibereye izina ryayo;
musenge Imana mu cubahiro c’ukwera kwayo.
3 Ijwi ry’Uhoraho ryumvikanira ku mazi menshi;
Imana y’ubwiza iraturagaye,
Imana ituragariye ku mazi menshi y’inkomezi.
4 Ijwi ry’Uhoraho riri n’inkomezi;
ijwi ry’Uhoraho riri n’icubahiro.
5 Ijwi ry’Uhoraho rivunagura amasederi;
Uhoraho ahindura ubunywenywe amasederi y’i Libani.
6 Atuma Libani hikina amatavu nk’inyana,
Siriyoni hakikina amatavu nk’inyana y’imbogo.
7 Ijwi ry’Uhoraho rirekura
ibikeke vy’imiravyo.
8 Ijwi ry’Uhoraho rinyiganyiza ubugaragwa;
Uhoraho anyiganyiza ubugaragwa bw’i Kadeshi.
9 Ijwi ry’Uhoraho rinyiganyiza ibiti bininibinini
rikambika ubusa amashamba.
Kandi mu Ngoro yiwe vyose bisemerera biti: "Ishimwe!"
10 Uhoraho avyagiye ku mwuzure;
Uhoraho avyagiye nk’Umwami ibihe bidashira.
11 Uhoraho aha abantu biwe inkomezi;
Uhoraho aha abantu biwe umugisha w’amahoro.