1 Ni kuki amahanga ateye umuvurungano
n’amoko akagira inama z’ubusa?
2 Abami bo mw’isi bahagurutse
n’abatware bagiye hamwe
ngo bagwanye Uhoraho n’uwo yarobanuje amavuta, bavuga bati:
3 "Nimuze ducagagure ivyo batubohesheje,
twiyambure iminyororo yabo."
4 Umwe ari ku ntebe y’ubwami mw’ijuru aritwengera;
Uhoraho abatwengera mw’ijigo.
5 Abakankamirana uburake bwiwe,
akabatera ubwoba mu bushangashirwe bwiwe, ati:
6 "Niyimikiye umwami wanje
i Siyoni, umusozi wanje wera."
7 Ndavuga ivyo Uhoraho yashinze.
Yambwiye ati: "Uri umwana wanje;
uwu musi ndakuvyaye.
8 Nsaba,
nanje nzohindura amahanga umugabane wawe,
n’impera z’isi zibe inyegu yawe.
9 Uzoyamenaguza inkoni y’icuma;
uyagire ubunywenywe nk’inkono y’ibumba."
10 Nuko rero, yemwe bami nimuce ubwenge;
mwemere kuburirwa, yemwe batware bo kw’isi.
11 Mukorere Uhoraho muhinda agashitsi,
munezerererwe ibikorwa vyiwe muhinda agashitsi.
12 Nimuce bugufi imbere y’uwo mwana kugira ngo ntarake
maze mugahonera mu nzira,
kuko uburake bwiwe buduga mu kanya isase.
Hahiriwe abamuhungirako bose.