Publicidade

Salmos 83

Ni indirimbo. Ni Zaburi ya Asafu.

1 Mana, ntugume wihoreye;

ntiwice ugutwi,

ntugume wihoreye, ewe Mana!

2 Raba uko abansi bawe bakuye hasi,

uko abakugwanya bagararije.

3 Bagira inama abantu bawe mu bugunge,

bagira imigabo mibi abo ukunda cane.

4 Baravuga bati: "Nimuze tubamare baherengetere nk’igihugu,

kugira ngo izina rya Isirayeli ntiribe ricibukwa."

5 Bahuje umutima bagira imigabo;

bigize akagwi ngo bakugwanye;

6 amahema ya Edomu n’ay’Abishimayeli,

aya Mowabu n’ay’Abahaguri,

7 Abagebali, Abamoni n’Abamaleki,

Abafilisitiya, n’abantu b’i Tiro.

8 N’ab’i Ashuri na bo bifatanije na bo

ngo bahe inkomezi bene Loti.

9 Bagirire ivyo wagiriye Abamidiyani,

nk’uko wagiriye Sisera na Yabini ku mugezi Kishoni,

10 bamwe bahonera muri Eni-Dori

bagacika nk’amase ku mbuga.

11 Abaganwa babo nubagirire nka Orebu na Zeyebu,

abana b’umwami waho ubagire nka Zeba na Zalimuna,

12 bamwe bavuga ngo: "Reka tugende twigarurire

uburagiro bw’Imana."

13 Bahindure nk’agashururu, Mana yanje,

ubagire nk’umuguruka utwarwa n’umuyaga.

14 Nk’uko umuriro utongora ishamba

canke imbeya z’umuriro zitongora imisozi,

15 abe ari ko ubakurikiza igihuhusi cawe

ubateze ubwoba igihuhusi cawe.

16 Mu maso habo nihuzure ibiteterwe, Uhoraho,

kugira ngo baze bakurondere.

17 Nibamaramare bicwe n’ubwoba ibihe vyose;

barinde bapfa bari mu bimaramare.

18 Nibamenye ko wewe, wewe izina ryawe ari Uhoraho;

ari wewe wenyene uri Iyisumbavyose kw’isi yose.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-