1 Mana yanje, Mana yanje, ni kuki wampevye?
Ni kuki wangiye kure ngo ntuntabare,
ko wangiye kure ngo ntiwumve amajojwa yanje?
2 Mana yanje, ndagutakambira ku murango, ariko ntunyishure,
no mw’ijoro sintora agatiro.
3 Ariko uri Uwera, uvyagiye ku ntebe y’ubwami;
uri mu mashimwe ya Isirayeli.
4 Ba sogokuruza barakwizigiye;
barakwizigiye urabatabara.
5 Baragutakambiye barakira;
barakwizigiye ntibamaramara.
6 Ariko jeho ndi umusiba, sindi umuntu,
ncokorwa na bose, nankwa n’abantu.
7 Abambona bose baritwengera;
barantuka bakazunguza imitwe.
8 "Baravuga bati: ‘Yizigiye Uhoraho,
Uhoraho namukize.
Namutabare,
ko amunezerererwa.’ "
9 Ariko ni wewe wankuye mu nda ya mama,
wampaye kukwizigira no mu gihe nari kw’ibere rya mama.
10 Nashizwe mu maboko yawe kuva nkivuka;
kuva nkiri mu nda ya mama wamye uri Imana yanje.
11 Ntumbe kure,
kuko amarushwa anyegereye
kandi ata wo kuntabara.
12 Impfizi nyinshi zirankikije;
impfizi z’inkomezi z’i Bashani zintaye hagati.
13 Intambwe zitontoma zitabura ico zishe
ziranyasamiye ngo zimire.
14 Nsutswe hasi nk’amazi,
amagufa yanje aratanye.
Umutima wanje urashonze nk’ishashara;
ushongeye muri jewe.
15 Akanwa kanje karumye nk’inkono y’ibumba iturirwe,
n’ururimi rwanje rufatanye n’amagage;
undyamitse mu mukungugu w’urupfu.
16 Imbwa zirankikije,
akarwi k’inkozi z’ibibi kantaye hagati.
Batoboye ibiganza vyanje n’ibirenge vyanje.
17 Amagufa yanje yose yanamye hejuru,
abansi banje na bo bihera ijisho.
18 Bagabuye impuzu zanje
bapfindira umutamana wanje.
19 Ariko weho, Uhoraho, ntube kure yanje.
Uri inkomezi zanje; nyaruka untabare.
20 Nunkize inkota,
ubuzima bwanje bw’igiciro ubukize imbwa.
21 Nunkize unkure mu kanwa k’intambwe;
nunkize unkure mu mahembe y’imbogo.
22 Nzokwamamaza izina ryawe mu bavukanyi banje;
nzoguhimbaza ikoraniro rikoranye.
23 Yemwe abubaha Uhoraho, nimumushime!
Yemwe aba Yakobo mwese, nimumuhe icubahiro!
Nimumwubahe mwese, yemwe bene Isirayeli!
24 Kuko atakengereye canke ngo acokore
umugorwa ari mu mubabaro;
ntiyamuhishije mu nyonga hiwe
ariko yumvise ugutakamba kwiwe.
25 Ishimwe ryanje ndi mw’ikoraniro riva kuri wewe;
nzoshitsa ivyo narahiye ndi imbere y’abakwubaha.
26 Umukene azorya ahage;
abarondera Uhoraho bazomushima;
imitima yanyu irakaramba ibihe vyose!
27 Abo ku mpera z’isi bose
bazokwibuka bahindukirire Uhoraho,
n’imiryango yose yo mu mahanga
izokwunama imbere yiwe,
28 kuko kuganza ari ukw’Uhoraho
kandi ni we ategeka amahanga.
29 Abatunzi bose bo mw’isi bazogira umusi mukuru basenge;
abamanuka baja i kuzimu bazopfukama imbere yiwe;
abadashobora kwibeshaho ubwabo.
30 Abazobakomokako bazomukorera;
abo mu runganwe ruzoza bazobwirwa ivy’Imana.
31 Bazokwamamaza ukugororoka kwiwe,
babwira abataravuka bati:
"Yarabikoze!"