Ni indirimbo yo mw’iduga.
1 Hahiriwe uwubaha Uhoraho wese,
akagenda mu nzira ziwe.
2 Uzorya ivyo ubutame bwawe bwamye;
imigisha n’amahirwe bizoba ivyawe.
3 Umugore wawe azoba nk’umuzabibu wama cane
mu nzu yawe;
abana bawe bazoba nk’utugemwe twa elayo
bakikuje imeza yawe.
4 Egome, uwo ni wo uzoba umugisha
w’umuntu yubaha Uhoraho.
5 Uhoraho aguhe umugisha uva i Siyoni;
uze ubone amahirwe ya Yerusalemu
mu misi yose y’ukubaho kwawe.
6 Uze urambe kugira ngo wibonere abuzukuru bawe;
amahoro abe kuri Isirayeli.