Publicidade

Salmos 119

Alefu

1 Hahiriwe abatunganye mu nzira zabo,

bagenda bisunga Ivyagezwe vy’Uhoraho.

2 Hahiriwe abitondera ivyo yihanikirije,

bakamuronderana umutima wabo wose;

3 ntibakora ibibi,

ariko bagakurikira inzira ziwe.

4 Washizeho ivyo wihanikirije

kugira ngo abantu bavyitondere.

5 Icompa inzira zanje zigatumbera

mu kwitondera ivyo washinze!

6 Aho ni ho ntazomaramara

ninashira umutima ku mabwirizwa yawe.

7 Nzogutazira n’umutima utunganye

uko nzokwiga ivyagezwe vyawe bigororotse.

8 Nzokwumvira amategeko yawe;

ntumpebe rwose!

Beti

9 Ni gute umusore yoshobora kuguma mu nzira y’ugutungana?

Ni mu kubaho nk’uko ijambo ryawe rivuga.

10 Nzokuronderana umutima wanje wose;

ntuze undeke ngo mve mu mabwirizwa yawe.

11 Nabitse ijambo ryawe mu mutima wanje

kugira ngo sindagucumureko.

12 Uhimbazwe, Uhoraho;

unyigishe ivyo wihanikirije.

13 Iminwa yanje isubiramwo

ivyagezwe vyose biva mu kanwa kawe.

14 Jewe nezererwa kwitondera ivyo washinze

nk’uko umuntu anezererwa ubutunzi bwinshi.

15 Jewe ndimbura ivyo wihanikirije

kandi nshira umutima ku nzira zawe.

16 Jewe mpimbarwa n’ivyo washinze;

sinzokengera ijambo ryawe.

Gimeli

17 Girira neza umusavyi wawe umwanya nkiriho,

kugira ngo numvire ijambo ryawe.

18 Humura amaso yanje kugira ngo mbone

ibitangaza vyo mu Vyagezwe vyawe.

19 Ndi inyambukira kw’isi;

ntumpishe amabwirizwa yawe.

20 Umutima wanje umazwe no kwipfuza

ivyagezwe vyawe ibihe vyose.

21 Ukankamira abibone, bariko umuvumo,

abazimira bakava mu mabwirizwa yawe.

22 Unkureko agacokoro n’agakengerwe,

kuko nitondera ivyo wihanikirije.

23 Naho abatware bicara hamwe ngo bamvuge nabi,

umusavyi wawe nzorimbura amategeko yawe.

24 Ivyo wihanikirije ni vyo bimpimbara;

ni vyo bingira inama.

Daleti

25 Ndyamye hasi mu mukungugu;

zigama ubugingo bwanje nk’uko ijambo ryawe ryavuze.

26 Nakwiganiye ivy’inzira zanje, nawe uranyishura;

nyigisha amategeko yawe.

27 Mpa gutahura inzira y’ivyo wihanikirije,

kugira ngo ndimbure ku vyo wakoze bihambaye.

28 Umutima wanje uremerewe n’umubabaro;

nkomeza nk’uko ijambo ryawe ryavuze.

29 Nshira kure y’inzira z’ubugunge,

ngirira ubuntu unyigishe Ivyagezwe vyawe.

30 Nahisemwo inzira z’ukwizigirwa;

umutima wanje nawushize ku vyagezwe vyawe.

31 Jewe numira ku vyo wihanikirije, ewe Uhoraho;

ntuze undeke ngo maramare.

32 Niruka mu nzira y’amabwirizwa yawe,

kuko waguye ugutahura kwanje.

He

33 Uhoraho, nyigisha inzira z’ivyo wihanikirije,

kugira ngo ndazikurikire gushika kw’iherezo.

34 Numpe ugutahura, kugira ngo nitondere Ivyagezwe vyawe

kandi ngo ndavyitondere n’umutima wanje wose.

35 Ntumbereza mu nzira y’amabwirizwa yawe,

kuko aho ari ho mpimbarirwa.

36 Hindukiriza umutima wanje ku vyo wihanikirije

ndawukure ku vy’inyungu mbi.

37 Hindukiriza amaso yanje kure y’ibitagira ikimazi;

uzigame ubugingo bwanje nk’uko ijambo ryawe rivuga.

38 Shitsa isezerano ryawe ku musavyi wawe,

kugira ngo wubahwe.

39 Shira kure ibiteterwe ntinya,

kuko ivyagezwe vyawe ari vyiza.

40 Mbega ukuntu nipfuza ivyo washinze!

Uzigamire ubugingo bwanje mu kugororoka kwawe.

Wawu

41 Icompa urukundo rwawe rudashira rukanzako, ewe Uhoraho,

n’agakiza kawe, nk’uko isezerano ryawe rivuga;

42 ni ho nzoshobora kwishura uwunkengereye wese,

kuko nizigira ijambo ryawe.

43 Ntuze wigere ukura ijambo ryawe ry’ukuri mu kanwa kanje,

kuko ivyizigiro vyanje nabishize mu vyagezwe vyawe.

44 Nzokwama nitondera Ivyagezwe vyawe,

ibihe n’ibihe.

45 Nzogendera mu mwidegemvyo,

kuko nize ivyo wihanikirije.

46 Nzovuga ivyo wigishije imbere y’abami

kandi ntibizomaramaza,

47 kuko nezererwa amabwirizwa yawe,

kandi ndayakunda.

48 Ntuma amaboko yanje amabwirizwa yawe nkunda,

kugira ngo ndimbure ku vyo washinze.

Zayini

49 Wibuke ijambo wabwiye umusavyi wawe,

kuko wampaye ivyizigiro.

50 Ikindemesha mu mubabaro wanje ni iki:

Isezerano ryawe rizigama ubugingo bwanje.

51 Abibone barancokora ata kigongwe,

ariko simva mu Vyagezwe vyawe.

52 Uhoraho, nibuka ivyagezwe vyawe vya kera,

maze bikandemesha.

53 Ndababara cane kubera abanyakibi,

kuko bahevye Ivyagezwe vyawe.

54 Ivyo washinze ni vyo shimikiro ry’indirimbo yanje

aho ndi hose nk’ingenzi.

55 Uhoraho we, mw’ijoro nibuka izina ryawe,

kugira ngo ngumye Ivyagezwe vyawe.

56 Ng’iki ico nagize umwuga:

ni ukwitondera ivyo wihanikirije.

Heti

57 Uhoraho, ni wewe mugabane wanje;

nasezeranye kwumvira amajambo yawe.

58 Narondeye mu nyonga hawe n’umutima wanje wose;

ngirira ubuntu nk’uko wasezeranye.

59 Niyumviriye ku nzira zanje

kandi nahindukirije intambuko zanje ku vyo wihanikirije.

60 Nzokwihuta kandi sinzotebagana

kwitondera amabwirizwa yawe.

61 Naho abanyakibi bombohesha ibiziriko,

sinzokwibagira Ivyagezwe vyawe.

62 Igicugu kigeze hagati nzovyuka ndagushimire

ku bw’ivyagezwe vyawe bigororotse.

63 Ndi incuti y’abakwubaha bose,

abakurikira ivyo wihanikirije bose.

64 Isi yuzuye urukundo rwawe, Uhoraho;

nyigisha amategeko yawe.

Teti

65 Wagiriye neza umusavyi wawe

nk’uko ijambo ryawe rivuga, Uhoraho.

66 Nyigisha ukumenya n’uguca iziroranye,

kuko nizigiye amabwirizwa yawe.

67 Imbere yuko mbabazwa narazimiye,

ariko ubu nitondera ijambo ryawe.

68 Uri mwiza, kandi n’ivyo ukora ni vyiza;

nyigisha amategeko yawe.

69 Naho abibone banyambitse ibara bambeshera,

nitondera ivyo wihanikirije n’umutima wanje wose.

70 Imitima yabo yarakomantaye nta co yumva,

ariko jeho mpimbarwa n’Ivyagezwe vyawe.

71 Vyabaye vyiza kuri jewe kubabazwa

kugira ngo nige amategeko yawe.

72 Ivyagezwe vyo mu kanwa kawe bindutira

ibihumbi vy’ifeza n’inzahabu.

Yodi

73 Intoke zawe ni zo zandemye zirambumba;

numpe ugutahura ngo nige amabwirizwa yawe.

74 Abakwubaha baze banezerwe nibambona,

kuko nizigiye ijambo ryawe.

75 Uhoraho, ndazi ko ivyagezwe vyawe bigororotse,

kandi ko mu bwizigirwa bwawe wandetse ngo mbabazwe.

76 Icompa urukundo rwawe rukandemesha,

nk’uko wasezeraniye umusavyi wawe.

77 Imbabazi zawe nizinzeko kugira ngo mbeho,

kuko Ivyagezwe vyawe ari vyo bimpimbara.

78 Abibone nibamaramare kuko bangiriye nabi ata nyanduruko;

ariko nzorimbura ivyo washinze.

79 Abakwubaha nibampindukirire,

abatahura ivyo wihanikirije.

80 Ese icompa ngakurikira amategeko yawe n’umutima wose,

kugira ngo sinze maramare.

Kafu

81 Umutima wanje uciwe intege no kwipfuza agakiza kawe,

ariko nizigiye ijambo ryawe.

82 Amaso yanje ararushe, ariko ararondera isezerano ryawe;

ndavuga nti: "mbega uzompoza ryari?"

83 Naho meze nk’umukuza w’urusato mu mwotsi,

sinibagira amategeko yawe.

84 Umusavyi wawe azogeza hehe kurindira?

Uzohana abampama ryari?

85 Abibone bimvye ibinogo ngo bantege,

binyuranye n’Ivyagezwe vyawe.

86 Amabwirizwa yawe yose ni ayo kwizerwa;

ntabara, kuko ndiko ndahamwa ata nyanduruko.

87 Hari hasigaye gato bakankura kw’isi,

ariko sinahevye ivyo washinze.

88 Mu rukundo rwawe rudashira zigama ubugingo bwanje

kugira ngo nitondere ivyo wihanikirije n’akanwa kawe.

Lamedi

89 Ijambo ryawe, Uhoraho, ni iry’ibihe vyose;

rihora rihamye mw’ijuru.

90 Ukwizigirwa kwawe guhoraho uko urunganwe rukurikirana n’urundi;

washizeho isi, kandi izokwamaho.

91 Ivyagezwe vyawe bihoraho kugeza uwu musi,

kuko vyose bigukorera.

92 Iyo ntanezerererwa Ivyagezwe vyawe,

mba narahitanywe n’umubabaro wanje.

93 Sinzokwigera nibagira ivyo wihanikirije,

kuko ari vyo wazigamishije ubugingo bwanje.

94 Unkize kuko ndi uwawe;

narondeye ivyo washinze.

95 Abanyakibi babundiye kunyica,

ariko nzozigama ivyagezwe vyawe.

96 Ibitunganye vyose bifise aho bigarukira,

ariko amabwirizwa yawe ntagira akarimbi.

Memu

97 Ese ukuntu nkunda Ivyagezwe vyawe!

Ndabirimbura bukarinda bwira.

98 Amabwirizwa yawe yamana nanje

antera kuba umunyabwenge kuruta abansi banje.

99 Mfise ugutahura kurusha abanyigishije,

kuko ndimbura ivyo washinze.

100 Mfise ugutahura kurengeye abahumure,

kuko nubaha ivyo wihanikirije.

101 Narinze ibirenge vyanje ngo ntibije mu nzira mbi zose

kugira ngo nitondere ijambo ryawe.

102 Sinavuye mu vyagezwe vyawe,

kuko ubwawe ari wewe wanyigishije.

103 Ese ukuntu amajambo yawe ansosera mu kanwa,

mu kanwa kanje asosa kurusha ubuki!

104 Nunguka ugutahura kuvuye mu vyo washinze;

ni co gituma nanka inzira zose mbi.

Nuni

105 Ijambo ryawe ni itara rimurikira ibirenge vyanje,

ni umuco umurikira mu nzira yanje.

106 Nararahiye ndisiba,

ko nzokurikiza ivyagezwe vyawe bigororotse.

107 Narababajwe bikomeye;

zigama ubugingo bwanje, Uhoraho, nk’uko ijambo ryawe ryavuze.

108 Uhoraho, akira uguhimbaza kw’akanwa kanje kuvuye ku mutima,

maze unyigishe ivyagezwe vyawe.

109 Naho ngendera hafi y’urupfu,

sinzokwibagira Ivyagezwe vyawe.

110 Abanyakibi banteze umutego,

ariko sinazimiye ngo mve mu vyo washinze.

111 Ivyo wihanikirije ni vyo mugabane wanje ibihe vyose;

ni vyo binezereza umutima wanje.

112 Umutima wanje unezerwa no kwitondera amategeko yawe

gushika no kw’iherezo.

Sameki

113 Ndanka abantu b’imitima ibiri,

ariko nkunda Ivyagezwe vyawe.

114 Ni wewe buhungiro bwanje n’inkinzo yanje;

nashize ivyizigiro vyanje mw’ijambo ryawe.

115 Nimumve i ruhande, mwa nkozi z’ibibi mwe,

kugira ngo nitondere amabwirizwa y’Imana yanje!

116 Nshigikira, ewe Mana yanje, nk’uko isezerano ryawe rivuga, ni ho nzobaho;

ntureke ivyizigiro vyanje ngo bibe ivy’impfagusa.

117 Unshigikire, ni ho nzotabarwa;

nzokwama nitwararika amategeko yawe.

118 Abazimira bakava mu mategeko yawe uzobaheba,

kuko ubuhumvyi bwabo ata co buzoshikako.

119 Abanyakibi bose bo kw’isi uzobashibura nk’umwavu;

ni co gituma nzokunda ivyo washinze.

120 Umubiri wanje uhinda agashitsi ku bwo kukwubaha;

ivyagezwe vyawe birantangaza.

Ayini

121 Nakoze ibigororotse n’ibitunganye;

ntuntererane abancinyiza.

122 Nuhe umusavyi wawe kuroranirwa;

ntureke ngo abibone bancinyize.

123 Amaso yanje ararushe, yiteze agakiza kawe,

yiteze isezerano ryawe rigororotse.

124 Girira umusavyi wawe nk’uko urukundo rwawe ruri

kandi unyigishe amategeko yawe.

125 Ndi umusavyi wawe; numpe ugusesangura

kugira ngo ntahure ivyo washinze.

126 Uhoraho we, harageze ko ukora

kuko ivyagezwe vyawe vyahonyanzwe.

127 Kuko nkunda amabwirizwa yawe

kurusha inzahabu, inzahabu ikuwemwo imyanda yose,

128 kandi kuko nshira umutima ku vyo washinze,

kandi nanka inzira yose mbi.

Pe

129 Ivyo wihanikirije ni vyiza cane;

ni co gituma ndavyitondera.

130 Iyo umuntu amenye ijambo ryawe, abona umuco;

abadaciye ubwenge ribaha ugutahura.

131 Ndasamye kandi ndahuzagizwa,

nipfuza amabwirizwa yawe.

132 Hindukira maze ungirire imbabazi,

nk’uko wama ugirira abakunda izina ryawe.

133 Rongora intambuko zanje nk’uko ijambo ryawe ryavuze;

ntureke ngo hagire ikibi kinganza.

134 Uncungure unkure mu gacinyizo k’abantu,

kugira ngo nitondere ivyo wihanikirije.

135 Umurikishirize umusavyi wawe inyonga zawe

unyigishe amategeko yawe.

136 Imigende y’amosozi itemba iva mu maso yanje,

kuko abantu batumvira Ivyagezwe vyawe.

Tsade

137 Uragororotse, ewe Uhoraho,

kandi ivyagezwe vyawe biratunganye.

138 Ivyo washinze biragororotse;

ni ivyo kwizigira rwose.

139 Ishaka ryanje ryaka muri jewe nk’umuriro,

kuko abansi banje birengagije amajambo yawe.

140 Amasezerano yawe yaragejejwe rwose,

ni co gituma nanje umusavyi wawe ndayakunda.

141 Naho ndi umunyantegenke n’inkengerwa,

sinibagira ivyo wihanikirije.

142 Ukugororoka kwawe ni uko ibihe bidashira

kandi Ivyagezwe vyawe ni ivy’ukuri.

143 Ivyago n’akabonge vyanjeko,

ariko amabwirizwa yawe ni yo anezera.

144 Ivyo washinze vyama bigororotse;

umpe ugutahura kugira ngo mbeho.

Kofu

145 Ndakwambaje n’umutima wanje wose, nunyishure, ewe Uhoraho,

nanje nzokwitondera amategeko yawe.

146 Ndagutakambiye; nkiza

nanje nzokwitondera ivyo washinze.

147 Mvyuka umutwenzi utaratambika ngatakamba;

nizigiye ijambo ryawe.

148 Nguma ndi maso ijoro ryose,

kugira ngo ndimbure amasezerano yawe.

149 Niwumve ijwi ryanje nk’uko urukundo rwawe rungana;

ukingire ubugingo bwanje, Uhoraho, nk’uko ivyagezwe vyawe biri.

150 Abagira imigabo mibi baranyegereye,

ariko bari kure y’Ivyagezwe vyawe.

151 Ariko weho, Uhoraho, uri hafi yanje,

kandi amabwirizwa yawe yose ni ay’ukuri.

152 Kuva kera nize mu vyo washinze

ko wabishinze ngo bigume bihamye gushika ibihe vyose.

Reshi

153 Raba umubabaro wanje maze untabare,

kuko ntibagiye Ivyagezwe vyawe.

154 Mburanira kandi uncungure;

uzigame ubugingo bwanje nk’uko wasezeranye.

155 Agakiza kari kure y’abanyakibi,

kuko batarondera kumenya amategeko yawe.

156 Ikigongwe cawe, ewe Uhoraho, kirahambaye;

zigama ubugingo bwanje nk’uko ivyagezwe vyawe bivuga.

157 Abampiga babaye benshi,

ariko sinavuye mu vyo washinze.

158 Abatizera ndabarabana agakengerwe,

kuko batumvira ijambo ryawe.

159 Raba uko nkunda ivyo wihanikirije;

uzigame ubugingo bwanje, Uhoraho, ku bw’urukundo rwawe.

160 Amajambo yawe yose ni ay’ukuri;

ivyagezwe vyawe vyose bigororotse vyamaho ibihe vyose.

Sini na Shini

161 Abakomeye barampiga ata nyanduruko,

ariko umutima wanje uhindira agashitsi ijambo ryawe.

162 Jewe nezererwa isezerano ryawe

nk’uwironkeye iminyago myinshi.

163 Ndanka kandi ngakengera ibinyoma

ariko nkunda Ivyagezwe vyawe.

164 Ndaguhimbaza incuro indwi ku musi

ku bw’ivyagezwe vyawe bigororotse.

165 Abakunda Ivyagezwe vyawe bafise amahoro menshi,

kandi ntagishobora kubatsitaza.

166 Uhoraho, niteze agakiza kawe,

kandi nitondera amabwirizwa yawe.

167 Jewe nitondera ivyo washinze,

kuko ndabikunda cane.

168 Jewe nitondera ivyo wihanikirije n’ivyo washinze,

kuko inzira zanje zose uzizi.

Tawu

169 Icompa ugutakamba kwanje kugashika imbere yawe, Uhoraho;

umpe ugutahura nk’uko ijambo ryawe rivuga.

170 Ukwinginga kwanje nigushike imbere yawe;

undokore nk’uko wasezeranye.

171 Icompa iminwa yanje ikuzura ishimwe,

kuko unyigisha ivyo washinze.

172 Icompa ururimi rwanje rukaririmba ijambo ryawe,

kuko amabwirizwa yawe yose agororotse.

173 Icompa ikiganza cawe kikitegurira kuntabara,

kuko nahisemwo ivyo washinze.

174 Ndipfuza rwose agakiza kawe, ewe Uhoraho,

kandi Ivyagezwe vyawe bimpa kunezerwa.

175 Umpe kubaho ngo ndaguhimbaze,

kandi ivyagezwe vyawe binshigikire.

176 Nazimiye nk’intama yatakaye.

Rondera umusavyi wawe,

kuko ntibagiye amabwirizwa yawe.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-