Publicidade

Salmos 77

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Yahawe kandi Yedutuni. Ni iya Asafu. Ni Zaburi.

1 Natakambiye Uhoraho;

nambaje Imana ngo inyumve.

2 Aho nari mu mubabaro, narondeye Imana;

mw’ijoro ntarika ibiganza ubudahumeka,

umushaha wanje wanka guhozwa.

3 Narakwibutse, Mana, maze ndaboroga;

nariyumviriye, maze umushaha wanje uradendebukirwa.

4 Wabujije amaso guhunyiza;

kuba mu magorwa vyambujije kuvuga.

5 Niyumviriye ku misi ya kera,

imyaka ya kera cane;

6 nibutse indirimbo zanje mw’ijoro.

Umutima wanje urarimbura n’impwemu yanje ikibaza iti:

7 "Mbega Imana izoheba umuntu ibihe vyose?

Mbega ntizosubira kwerekana imbabazi ziwe?

8 Mbega urukundo rwayo rudashira rwaragiye akagirire?

Amasezerano yiyo mbega ntakiriho?

9 Mbega Imana yaribagiye kugira imbabazi?

Mbega uburake bwayo bwasubiriye imbabazi zayo?"

10 Maze ndibwira nti: "Iki ni co kimbabaza:

ni nk’aho Iyisumbavyose itakigorora

ukuboko kwayo kw’i buryo."

11 Ariko ngaca nibuka ibikorwa vy’Uhoraho;

egome cane, ndibuka ibitangaza vyawe vya kera.

12 Nzokwiyumvira ku bikorwa vyawe

nzirikane ivy’inkomezi wakoze.

13 Inzira zawe, Mana zirera.

Ni iyihe mana imeze nk’Imana yacu?

14 Uri Imana ikora ibitangaza;

werekana ubushobozi bwawe mu mahanga.

15 Wacunguje ubwoko bwawe ukuboko kw’inkomezi,

ari bo bene Yakobo na Yosefu.

16 Amazi yarakubonye, ewe Mana,

amazi yarakubonye ahinda agashitsi;

mbere n’ibenga ry’ikiyaga rirajugumira.

17 Ibicu vyarekuye imvura,

amajuru yasiranamwo imituragaro,

imyampi yawe iraririra hirya no hino.

18 Umuturagaro wawe wumvikaniye mu gashururu,

umuravyo wawe umurika mw’isi,

isi iranyiganyiga ihinda agashitsi.

19 Inzira yawe yaca mu kiyaga,

waciye mu mipfunda y’amazi,

naho amakanda yawe atabonetse.

20 Warongoye abantu bawe nk’umukuku

ubarongoje ukuboko kwa Mose na Aroni.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-