1 Haleluya.
Ese ukuntu ari vyiza guhimbaza Imana yacu,
ese ukuntu bihimbaye kandi bibereye kuyihimbaza!
2 Uhoraho yubaka Yerusalemu;
yegeranya aba Isirayeli bari barashwiragiye.
3 Akiza abafise imitima imenetse
agapfuka inguma zabo.
4 Aharura igitigiri c’inyenyeri
agahamagara imwimwe yose mw’izina.
5 Umwami wacu arahambaye kandi ni umuhizi mu nkomezi:
ugutahura kwiwe ntikugira akarimbi.
6 Uhoraho ashigikira abaciye bugufi
agacisha bugufi abanyakibi akabashitsa hasi.
7 Nimuririmbire Uhoraho indirimbo yo gushima;
nimucurarangire inanga Imana yacu.
8 Apfukisha ijuru ibicu;
agaha isi imvura
akameza ivyatsi ku turambi.
9 Ategurira amasho ivyokurya
n’ivyana vy’ibikona iyo bijwiragiye.
10 Ntahimbarwa n’inkomezi z’ifarasi,
canke ngo yishimire amaguru y’umuhizi;
11 Uhoraho ahimbarwa n’abamwubaha,
abishimira urukundo rwiwe rudashira.
12 Nushime Uhoraho, ewe Yerusalemu;
uhimbaze Imana yawe, ewe Siyoni.
13 Ni we akomeza imyugariro yawe
agaha umugisha abantu baba muri wewe.
14 Atanga impore ku mbibe zawe,
akaguhaza ingano nziza cane.
15 Atuma amabwirizwa yiwe kw’isi,
ijambo ryiwe rikagenda rinyaruka.
16 Akwiragiza shelegi nk’ubwoya bw’intama,
ugukanya akagusanzaza nk’umunyota.
17 Arekura urubura rwiwe nk’amabuye.
Ni nde yoshobora kurinda imbeho yiwe?
18 Atuma ijambo ryiwe ngo riyashongeshe;
atuma umuyaga wiwe, amazi agashonga.
19 Yahishuriye Yakobo ijambo ryiwe,
ivyagezwe vyiwe n’amategeko yiwe yabihishuriye Isirayeli.
20 Nta rindi hanga na rimwe yakoreye nk’ivyo;
ntibazi ivyagezwe vyiwe.
Haleluya.