Publicidade

Salmos 80

Iyi Zaburi yahawe umukuru w’abaririmvyi. Mw’ijwi ryitwa "Ibirungu vy’Isezerano". Ni iya Asafu.

1 Nutwumve, Mwungere wa Isirayeli,

wewe urongora aba Yosefu nk’umukuku.

Wewe uvyagiye hagati y’abakerubi,

kayangana 2 imbere ya Efurayimu, Benyamini na Manase.

Vyuka mu nkomezi zawe;

nuze udukize.

3 Tugarukane, ewe Mana;

tumurikishirize mu nyonga hawe,

kugira ngo dukire.

4 Uzogeza ryari, Uhoraho Imana Mushoboravyose,

kuturakira

no gushiburira kure ugusenga kw’abantu bawe?

5 Wabagaburiye indya z’amosozi;

wabanywesheje ikiyaga c’amosozi.

6 Waduhinduye akamenyo mu bihugu bidukikije,

kandi abansi bacu baraducokora.

7 Tugarukane, ewe Mana Mushoboravyose;

tumurikishirize mu nyonga hawe,

kugira ngo dukire.

8 Wabatuye umuzabibu uwukuye muri Egiputa;

wirukana amahanga uraheza urawubadika.

9 Wawuteguriye aho kuwutera,

maze ushora imizi ukwira igihugu cose.

10 Imisozi yose yapfutswe n’igitutu cawo,

amashami yawo yapfutse amasederi maremare y’Imana

11 Amashami yawo yashitse no ku Kiyaga Mediterane,

imivyaro yawo ishika kuri rwa Ruzi.

12 Ni kuki wahomvoye inzitiro zawo

bigatuma abirenganira bamura inzabibu zawo?

13 Ingurube zo mw’ishamba zarawononye,

n’udukoko two ku misozi turawurisha.

14 Garuka aho turi, Mana Mushoboravyose!

Urunguruke uri mw’ijuru urabe!

Garuka witwararike uwo muzabibu wawe,

15 umuzi ukuboko kwawe kw’i buryo kwabaditse,

umwana wirereye ngo abe uwawe.

16 Umuzabibu wawe uciriwe hasi, utongowe n’umuriro;

ku bwo gukankama kwawe, abantu bawe barahonye.

17 Ukuboko kwawe ni kugume ku muntu ari i buryo bwawe,

ku mwana w’umuntu wirereye ngo abe uwawe.

18 Maze natwe ntituzokuvako;

duhembure, natwe tuzokwambaza izina ryawe.

19 Tugarukane, ewe Uhoraho Mana Mushoboravyose;

tumurikishirize mu nyonga hawe,

kugira ngo dukire.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-