1 Uhoraho, burana n’abamburanya;
gwana n’abangwanya.
2 Fata inkinzo yawe, nini na ntoya;
uve hasi untabare.
3 Bangura icumu n’ikimito
utere abampiga.
Umbwire uti:
"Ni jewe gakiza kawe."
4 Abarondera ubugingo bwanje
nibateterwe bamaramare;
abagira inama yo kunyica
basubire inyuma batinye.
5 Nibamere nk’umuguruka utumurwa n’umuyaga,
umumarayika w’Uhoraho abirukane;
6 iminyuro yabo nicure umwijima kandi inyerere,
umumarayika w’Uhoraho abahige abakinagize.
7 Kuko banteze umutego ata nyanduruko
bakanyimbira icobo ata gituma,
8 uguhona nikubashikeko giturumbuka;
umutego bateze abe ari bo ufata,
bagwe muri ca cobo, bahonereyo.
9 Ni ho umutima wanje uzonezererwa Uhoraho,
ugahimbarirwa agakiza kiwe.
10 Ibimbamwo vyose bizokwatura biti:
"Ni nde ameze nkawe, ewe Uhoraho?
Ukiza abakene ababarusha inkomezi,
aboro n’abakene ukabakiza ababahahaza."
11 Ivyabona vy’ibinyoma bihagurukiye kunyagiriza;
bambaza ibintu ata na kimwe ndabiziko.
12 Banyishuye ikibi ku ciza nabagiriye
maze banta jenyene.
13 Ariko igihe bari bagwaye, nambaye igunira
nicisha bugufi ndisonzesha.
Amasengesho yanje atishuwe,
14 nagendagenda ngandaye
nk’uwabuze umukunzi canke umuvukanyi.
Nacuritse umutwe ngandaye
nk’uwabuze nyina.
15 Ariko aho natsitara, bagiye hamwe baranezerwa;
bakoraniye kungwanya ntabizi.
Bamvuze nabi ubudahumeka.
16 Bancokoye nk’abatubaha Imana,
bampekenyera amenyo.
17 Uzogeza ryari, ewe Mana, kubiraba ntugire ico ukora?
Ntabara unkize ibibi bakora,
ukure ubugingo bwanje bw’igiciro mu menyo y’izo ntambwe!
18 Nzogushimira mw’ikoraniro rinini;
imbere y’amasinzi nzoguhimbaza.
19 Ntureke abo ngo banyishimeko,
banyankira ubusa;
ntureke abanyanka ata gituma
ngo bavuniranire ingohe.
20 Ntibavuga ivy’amahoro,
ariko biyumvira ivyo kubeshera
abibera mu gihugu ata nkomanzi.
21 Bashira urwamo hejuru bambwira bati: "Aha! Aha!
Twavyiboneye n’amaso yacu."
22 Uhoraho we, warabibonye; ntucereze.
Ntube kure yanje, ewe Mana.
23 Ikangure uve hasi ungwanire!
Mburanira, ewe Mana yanje kandi Mwami wanje.
24 Ungwanire mu bugororotsi bwawe, Uhoraho Mana yanje;
ntubareke ngo banyishime hejuru.
25 Ntubareke ngo bavuge bati: "Ivyo ni vyo twarondera!"
Canke bati: "Twamumize miyonzwa."
26 Abahimbarwa n’uko nguye mu vyago
nibamaramare bakorwe n’isoni;
abanyishimako
bakorwe n’isoni, bamaramare.
27 Abahimbarwa n’uko ntabawe
nibavuze impundu z’umunezero;
bame bavuga bati: "Uhoraho ashirwe hejuru,
we ahimbarwa n’ukugubwa neza kw’umusavyi wiwe."
28 Ururimi rwanje ruzokwamamaza ukugororoka kwawe,
n’amashimwe yawe burinde bwira.