Pular para o conteúdo
Publicidade

Zaburi 122

Ni indirimbo yo mw’iduga. Ni iya Dawidi.

1 Naranezerewe igihe bambwira bati:

"Tuje mu nzu yUhoraho."

2 Ibirenge vyacu bihagaze

mu marembo yawe, Yerusalemu.

3 Yerusalemu hubatswe nk’igisagara

cegeranye kandi gifatanye.

4 Aho ni ho imiryango iduga;

imiryango yUhoraho;

ngo bahimbaze izina ryUhoraho

nk’uko yabishingiye Isirayeli.

5 Aho ni ho hari intebe z’imanza,

intebe z’inzu ya Dawidi.

6 Musabire Yerusalemu ironke amahoro muti:

"Icompa abagukunda bakaba amahoro.

7 Icompa mu nzitiro zawe hakaba amahoro

n’umutekano ukaba mu minara yawe."

8 Kubera umuryango wanje n’abagenzi banje,

nzovuga nti: "Amahoro abe muri wewe."

9 Kubera inzu yUhoraho Imana yacu,

nzokwama ngusabira ivyiza.

Estes versículos te tocaram? Ore agora!

+581 estão orando agora.

Junte-se à corrente de oração.

Veja também