Publicidade

Salmos 140

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni aburi ya Dawidi.

1 Ntabara, Uhoraho, unkize inkozi z’ibibi;

undinde abanyamuryano,

2 bagira imigambi mibi mu mitima yabo

bakavyura intambara imisi yose.

3 Indimi zabo bazisongora nk’iz’inzoka;

ubumara bw’inzoka buri mu kanwa kabo.

4 Uhoraho, undinde amaboko y’abanyakibi;

undinde abanyamuryano,

bagira imigabo yo kuntsinda hasi.

5 Abibone banteze umutego wo mu mpisho;

bamaze gutega insenga zabo

no gushinga imitego yabo mu nzira ncamwo.

6 Ndabwira Uhoraho nti: "Uri Imana yanje."

Uhoraho, niwumve ugutakamba kwanje.

7 Uhoraho Nyeninganji, mutabazi wanje w’inkomezi,

wambika inkinzo umutwe wanje ku musi w’intambara.

8 Uhoraho, ntuhe abanyakibi ivyo bipfuza;

ntureke ngo imigambi yabo ishirwe mu ngiro.

9 Abankikuje bazunguza imitwe yabo mu bwibone;

amajambo mabi y’akanwa kabo abasubire ku mitwe.

10 Amakara yaka asukwe ku mitwe yabo;

nibatererwe mu muriro,

batererwe mu vyobo vy’amazi, ntibigere bavayo.

11 Abavuga abandi nabi ntibagume mu gihugu;

ivyago nibihige abantu b’umuryano.

12 Ndazi ko Uhoraho aburanira abakene

agakiranira aboro.

13 Ni ukuri abagororotsi bazohimbaza izina ryawe,

kandi abatunganye bazoba mu nyonga zawe.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-